Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uwashize ahabona amakuru ya Museveni yamenyekanye aho ari
 Uwashize ahabona amakuru ya Museveni yamenyekanye aho ari
 Uwashize ahabona amakuru ya Museveni yamenyekanye aho ari
				
				mercredi 19 Ruheshi 2013
Intwazangabo yo mu gisirikare ca Uganda yo kw’ipete rya jenerare yatumye icuka kitaba ciza hagati y’ubutegetsi n’abasirikare bakuru ba Uganda igihe ivyari mw’ikete yanditse vyashirwa ahabona n’ibimenyeshamakuru yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru ba BBC incuro ya mbere.
Muri iryo kete, General David Sejusa, yasavye ko haba itohoza ku makuru y’uko hoba hari umugambi wo kwigizayo abakuru ba gisirikare no muri Leta, abo bokwigizwayo bakaba ari abadashaka umugambi bivugwa ko ari uw’umukuru w’igihugu Museveni, wo gutegura umuhungu wiwe ngo azomusubirire ku butegetsi.
Ibinyamakuru bibiri hamwe n’amaradiyo yavuze iyo nkuru bikaba vyaciye bihagarikwa hafi iminsi cumi, abajejwe umutekano bagerageza gutora iryo kete.
Kuva iryo kete rigiye ahabona, aho General Sejusa yari ari nta n’umwe yari ahazi.
Ayo makuru yiwe dufise ubu tukaba tuyakesha BBC y’i Londres aho General David Sejusa ari muri kano kanya.
Egide Nduwimana
