IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ingendo > Ivan Simonovic mu rugendo i Bujumbura PC Mbonimpa ari mw’ibohero

Ivan Simonovic mu rugendo i Bujumbura PC Mbonimpa ari mw’ibohero

mercredi 25 Ruheshi 2014

Icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ivy’agateka ka zina muntu Ivan Simonovic aritezwe mu rugendo ahava agira mu Burundi rw’iminsi itatu.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona na (BNUB Bureau des Nations Unies au Burundi), bavuga ko uwo mutegetsi wo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU azokwakirwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, hamwe na bamwe mu bashikiranganji. Abandi bitegekanijwe ko bazobonana na Ivan Simonovic akaba ari umukuru w’umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, bamwe mu bari mu mashirahamwe adakiranira ivyicaro vya poritike n’abamenyeshamakuru.

Urwo rugendo Ivan Simonovic urugize mu Burundi kuva kuri uwu wa 25 gushika ku wa 27 Ruheshi imbere y’uko amatora yo mu mwaka w’2015 aba, rikaba atari irya mbere arugize kuko mu mwaka w’2012 mu kwezi kwa Rusama yari yaragendeye Uburundi, aho ndetse yari yateye intege abategetsi mu kubamenyesha ko, ibintu vyariko biragenda neza mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, mu gihe ubwicanyi bufatiye ku vyiyumviro vya poritike muri ico gihe vyariko biragabanuka.

Ivan Simonovic, icegera c’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ivy’agateka ka zina muntu akaba agendeye Uburundi mu gihe umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH Petero Karaveri Mbonimpa ari mw’ibohero rya Mpimba aho amaze amajoro 39, azira kuba yashize ahabona amwe mu masanamu y’urwaruka vyavugwa ko ruriko ruragirira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.


Aristide Nizigire

Messages

  • ONU, n’umuvyeyi wa twese, twizere k’urugendo rwa "Ivan Simonovic" rufise intumbero nziza yo kumvisha Leta, amashirahamwe y’igenga eka n’abamenyesha makuru, twizere yuko n’ikibazo ca mutama Mbonimpa kiza kuvugwa cane. Kimwe gusa Pacifique, Vital eka nabamenyesha makuru, nobasaba yuko mwoshikiriza amajambo yubaka kandi yinkora mutima. Abarundi bahanze amaso mwebwe societes civiles. Bonne chance and good report.

  • We Gihimbare ico wewe nabandi mukwiye kumenya,nuko ONU ari ishirahamwe ry’Ibihugu vyose,kandi rifise intumbero nziza namategeko atomoye kandi yubahiriza bose umukuru n’umuto.ariko mubakorera iri shirahamwe ONU bose siko ari intungane,harimwo abansi bibihugu kanaka nabakunzi bibihugu kanaka,kuko abenshi muribo nabanya politique nkabandabo,bashobora gukiza cank bakonona vyinshi,akarorero mwarabonye ahumukozi wabo yitwaza ibigwanisho biturika mundege motif ngo yibagiye,uwundi agatanga ibinyoma ahenzwe nabamwebamwe barongoye amashirahamwe n’imigambwe yaha muburundi,abo bari mubatera intambara mubihugu,bakongera bakarungikayo ibigwanisho.bikamara abantu,bagaca bagagnant ubutunzi bwivyo bihugu,hama ikindi mwomenya nuko twebwe ivyo bihe twabiciyemwo kandi ntibizosubira kubahu.kuko twarabahinyuye abo bose badutaye mwako kaga,bitwaza ngo barize,bakankira kwabandi biga,motif zitandukanye mama,ubuho uyo (Ivan Simonovic) aza kuvugana namoko yose,ntabo yihereranya bonyene,icatumye MBONIMPA p c,nabandi batandukanye Babafunga aragisigurigwa nimpande zose,abone kubitegera,mukure mumitwe kwaje kumufungura canke kumufunguza,niwabo iburaya iwukoze amakosa baramuhana kandi bivuye inyuma,nkeswe ngaha muburundi hagwiriye abagumutsi nkababo.uzakwisaza wese yaba Mbonimpa nabandi mushaka gusubiza igihugu mumagume muzohanwa atakinya,kuki abo yavuze ngo nimbonerakure z’umugambwe uri kubutegetsi.atoba ari bamwemwasabira ngo nibagiriranire ibiganiro na LEtat y’uburundi,boba aribo mwahinduyemwo ngo nimbonerakure??????.mubucurika mubucurura tubabona gutya,twongera tubahana canke tubahanura.mpaka mwemere gufata umurongo wabandi barundi!!.

  • AHUBWO SOSIYETE POLITIKE SIVILE IRATOMBOYE, BAGERAGEZE BUMVISHE IYO NTUMWA YABO AGENDE AREKUJE MBONIMPA, NATABISHOBORA BACE BICARA BATEKEREZE BAREKE KUGUMA BATUMENA IMITWE TWIKORERE!!!!!!!

  • RETA IHARI UYUMUSI NTITAMIKWA IJAMBO, NDAKUBWIYE NAHOYOBA BANKIKIMUNI AJE ASABA NGO MBONIMPA AREKURWE NTIVYOKUNDA!!!!!!!! ATABIBAJIJE ABANYAGIHUGU BENE UBUTEGETSI, NGO BABIMWEMERERE. AHO RERO MURAHATEBA!!!!!!!!!

  • ABARUNDI MWARANUTSE KUVA KUBIGIRA BAKARUHARIWE .MBE MWIBAZA KO UBUGABO CANKE KUMENYEKANA ARI UKWICANA? ABANDI BAGERAGEZA KURATA UTUNTU DUTO DUTO BAKORA NKAHO MBONIMPA MWARI KUMWEREKA ICAHA YAKOZE NTIMUFUNGE

  • naze asukemwo mabisi abarundi bamw baruhuke umutekano nuwatwese <uko tuwubuza bamw niko abandi bazowutubuza >wicuwaw ukamara umuryango

  • None mw’ibohero hari PC wenyene hari abantu benshi azove ino abapfunguje bose naho atari umucamanza kuko bose barangana imbere y’amategeko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.