IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Valentin BAGORIKUNDA ntazi ibirego vyatanzwe muri sentare mpuzamakungu

Valentin BAGORIKUNDA ntazi ibirego vyatanzwe muri sentare mpuzamakungu

mercredi 30 Ntwarante 2016, par egide

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi Valentin BAGORIKUNDA avuga ko atazi ibirego vyatanzwe muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha n’abashingwamanza bavuga ko batumwe kuburanira imiryango yabuze abayo.

Valentin BAGORIKUNDA yamenyesheje ko ivyaha n’ububisha vyakozwe mu ntureka ziri mu Burundi bikiri mu matohoza kugira abazovyagirizwa bashengezwe mu butungane. Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika asaba imiryango ivuga ko yabuze abayo ko yokwitwara mu butungane bw’Uburundi, igatwara n’ibirego hamwe n’ivyemeza, kugira amatohoza ashobore kubandanya.
N’aho biri uko, Valentin BAGORIKUNDA amenyesha abashingwamanza baheruka kwitwara muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha nabo bafise ivyaha bagirizwa, kandi ko baronderwa n’butungane bw’Uburundi.

JPEG - 36.8 ko
Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi

Urunani rw’abashingwamanza babatu bituye sentare mpuzamakungu mpanavyaha hamwe n’umukuru w’igisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (Haut commissaire de l’ONU aux droits de l’Homme), bakaba bituye ubutungane mu guserukira imiryango y’ababuriye ababo mu bwicanyi ndengerabutungane, bagasaba ko abakoze ubwo bwicanyi boshengezwa mu butungane mpuzamakungu.

Mw’itangazo ryasohowe n’abashingwamanza batatu bituye ubutungane aribo Armel Niyongere umukuru wa ACAT (Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture), Léon Lef Forster wo mu Bufaransa hamwe na Bernard Maingain wo mu Bubirigi, bamenyesheje ko abajejwe intwaro bagandaguye abanyagihugu, ari naco gituma imiryango igera kuri 60 yabituye kugira bayiserukire mu kwitura ubutungane.

Armel NIYONGERE, umwe muri abo bashingwamanza amenyesha ko iyo miryango 60 ariyo imaze gushika ibirego vyayo, n’abandi babaka bakibitororokanya kugira bishikirizwe ubutungane.


IGIHE

Messages

  • Uteye isoni. Aho ubereye igitangaza ntumaramara. Uri mugabo niryo. Bandanya ushigikira ubusuma n’ubwicanyi vy’aba dd. Hanyuma urye uce unuma. Uri IMBUBUSI

  • uwo ngiwe azoburanya urwanda umengo nagahuzo namba ari ba nyamitwe kuko umengo nibo bashirutse amazinda kugusumvya. hiiiiiii

  • Uyu mugabo ndabona afite ubwoba ni nzara yenda kumuhitana mu mutabare abarihafiye

  • Oho ! Ntibitangaj Yabimenya Yareka Uwo akanura Nkuwo Umusibawasovye Mumaso Yobafashije Iki Ahubwo Nibongereze Dosye Bakubit Bataraba Iyihaka

  • NIBABURAN NABA...72,93,...

  • NIBABURAN NABA...72,93,...

  • Komera Mutama Nayo Utwo Tugabo Ntantambwe Tuzotera. Murabe Mwicunge Ntibatumareko Abahutu B Ijambo Bakunda Igihugu Niyo Ntumbero Bafise.

  • Abagabo nabo, abandi bo, n’ukurira mukwaha kwabandi.

  • we wiyita willy reka kuba utubaha mugutuka abategetsi ahubwo nico kinyamakuru kirekura ibitutsi nukukirabaneza arikuwushikiriza ivyubaka ntabwo mubishirako turazi kari baba sans echec bahungira mugwanda bahejeje guturira abantu munyakabiga nimiduga,amazu,ibikoresho vyomunzu,nibindi none burya bobitwarira mworonka ivyo muriha??mbwira wewe nyene

  • Ntagitaganje bagorikunda avuze kuryo kuko icashoboye nugukingira ikibaba abirirwa barahamba abantu mubino rusangi none wananiwe nukumenya ivyomugihugu cawe womenya ibibera hanze mugabo birateyisoni kubona abarundi muzoza murarinda gukorerwa ibintu nabanyamahanga kandi ariryo banga mwarimujejwe ahasigaye ugasanga muriko mwiterera hejuru Ngo mwarikukiye

  • Hahahahahahahahhaahhahahahahhaahha! Mbe ivyo ushikirije w’ibaza ko duca tuvyemera nkurunziza aratwenza mbe ivyo nivyo agutumye?? Uburundi nta l’etat dufinse na makungu nivyo yababariye hama ngira abo usaba kwitura sentare ya nkurunziza na wwe uratwenza hahahhahahaha mbega valentin imushikiriza manza utazi ibwiriza shingiro ntawewe nta nkurunziza murakwiye gusubira kwiga kumukaza politique uburundi mutama na barundi sicokimwe na Avocat mutama

  • tari. ko abanyamahanga ko ubemera barakubwira iyo bahamvye abana ba rwagasore camke icishe ndadaye. none kirya kinogo catowe wabonye ari gishasha? twese twarakoze ivyaha kandi tutihanye ubwami bwimana ntuzobujamwo

  • Ariko uratweza Bagorikunda, mbega wewe woshobora gupfunga no gucirigihano, abobenewanyu mwirirwa mucuritse umutwe hamwe wokumara abenigihugu? mbega kurikuravuga ngo abagandaguriwe ababo ngo biture ubutungane Bwuburundi !. ubutungane bwuburundi bwarapfuye bwahabwe kuntaharwa, wewe ataruko wobakurikiza ababo, harico wobamarira? icuvuga ngo abashirwamanza ngo bafise ivyobarerwa! vyi biki?.Ahubwo mwebwe nimwe mufise ivyo murerwa kuko mwirirwa murasasikinganda, nkawewe ntiwarukwiye kuvuga kuko mubahonyanze amasezerano yi arusha, uwambere niwewe, kuko wa yasomye uyacuritse, kubwinda yawe yagusuvye uhava wungumukono nkurunziza wawe. ndakubwire wewe nako karwi kankurunziza nawewe ntaho mutandukaniye.

  • WO bimenya gute none ? mutagisohoka mugihugu wowe na nkurunziza mwirire uburobe navoka mubone uko mwica ntakindi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.