IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Valerie Trierweiler mu nama y’akarere k’ibiyaga binini i Bujumbura

Valerie Trierweiler mu nama y’akarere k’ibiyaga binini i Bujumbura

mardi 9 Mukakaro 2013

Inama y’akarere k’ibiyaga binini yuguruwe icese i Bujumbura kuva kuri uyu wa kabiri. Ikaba igamije uguhanahana ivyiyumviro kw’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano 1325 wa ONU hamwe n’ukwigira hamwe ibibazo bihanze umukenyezi, amahoro, umutekano n’iterambere mu karere k’ibiyaga binini.

JPEG - 42.1 ko
Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza

Iyo nama yuguruwe icese n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, yari yitabwe n’abashikiranganje bamwe bamwe ba Leta y’Uburundi hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi. Iyo nama yatewe iteka kandi n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Valerie Trierweiler. Mw’ijambo umukuru w’igihugu c’Uburundi yashikirije, akaba yashimye ihangiro iyo nama yihaye. Iyo nayo akaba ari kwigira hamwe ishirwa mu ngiro ry’amasezerano 1325 ya ONU yemejwe mu 2000. Ayo masezerano ahimiriza guha ikibanza abakenyezi mu nzego z’ibihugu no gukingira abakenyezi n’abigeme mu bihe vy’intambara. Kukaba nkako umukenyezi ni kirumara mu kugarukana amahoro ndetse no mw’iterambere ry’ibihugu.

JPEG - 29.8 ko
Valerie Trierweiler, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa

Valerie Trierweiler, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, akaba n’umuserukizi w’ ishirahamwe rya Fondation France Libertés, yashimye intumbero yiyo nama. Ati “ N’agaco kivyizigiro ko ibiva mu nama nkiyi bijana ku mahoro, umutekano n’iterambere na cane cane ku mukenyezi”. Ariko, Valerie Trierweiler akaba atariye umunwa mu kunegura ukudahana abafata ku nguvu abagore n’abigeme vyibonekeza mu karere k’ibiyaga binini. Aho akaba yadomye urutoke cane cane igihugu ca Repubrika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo. Ico gihugu kirangwamo indwano, iyo nayoikaba idasiga inyuma uguhonyanga agateka k’umukenyezi. Ati : “ mbega ubuntu bw’umugabo afata uruhinja rw’amezi 18 bwoba buhagaze he?”.

JPEG - 31.9 ko
Mary Robinson, intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga binini

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga binini, Mary Robinson, akaba yamenyesheje ko atazokwiziganya kugira ibizova muri iyo minsi itatu yo gushirahamwe ivyiyumviro bije mu ngiro. Abafashe ijambo bandi nabo bakaba bibukije ko umukenyezi muri kano karere k’ibiyaga binini afise uruhara ntangere mu kugarukana amahoro. Ukumukingira amabi aturutse ku ngwano nikwo gukingira agateka k’abana ndetse n’ukugarukana amahoro mu karere k’ibiyaga binini kose.

JPEG - 43.6 ko
Mary Robinson, S.E Petero Nkurunziza na Clothide Niragira (uva i bubamfu uja i buryo)

Luc-Noel INGABIRE

Messages

  • Uyu muntu bahaye ikiraka ca decoration ateye isoni nukuri, inama yo kuri uru rugero ntikwiriye kubera ahantu nkaho, Mbega ntimuraba TV ahandi uko babigenza???

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.