Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Waruzi umukenyezi wa mbere mwiza mu gihugu c’u Bwongereza
 Waruzi umukenyezi wa mbere mwiza mu gihugu c’u Bwongereza
 Waruzi umukenyezi wa mbere mwiza mu gihugu c’u Bwongereza
				
				lundi 31 Kigarama 2012
Kubw’ikinyamakuru Beauty Magazine , Kate Middleton niwe mukenyezi mwiza yatowe mu bandi bakenyezi benshi bahiganwa nawe muri uyu mwaka urangiye w’2012.
Kate Middleton yatahukanye iki banza ca mbere ku majwi angana 27% y’abatoye babicishije ku kinyamakuru Beauty Magaziner co mu Bwongereza.Aho rero akaba yahiganywe na Nicole Scherzinger , umuririnvyi w’umwogerezakazi , umunonotsi Jessica Ennis , n’abandi.Kuva atanguye kumeyekana mu binyama,Kate Middleton akaba aguma atahukana intsinzi kubera yambara neza ,afise igihagararo ciza kimubereye ,akagira ubwiza bwo ku mubiri.Ngo ashobora kubera akarorero n’abandi bigeme bakiri bato.
Uyo mukenyezi w’’umwongerezakazi , Kate Middleton akaba atahukanye ikibanza cambere nk’umukenyezi mwiza wo mu Bwongereza imyaka ibiri ikurikirana.
Marie Claire Ingabire
