Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yahawe igihano co kugendesha imodoka yanyoye inzoga
 Yahawe igihano co kugendesha imodoka yanyoye inzoga
 Yahawe igihano co kugendesha imodoka yanyoye inzoga
				
				vendredi 24 Rusama 2013
Amande angana n’ibihumbi bine n’amajana atanu (4500) vy’amafaranga y’amanyaburaya hamwe n’uguhagarika uruhusha rwo kunyonga imodokari mu kiringo c’amezi cumi guhera kuri uyu wa gatanu, nirwo rubanza rwaciriwe Gérard Depardieu, umugabo w’imyaka 64, i Paris.
Uwo mukinyi w’amareresi w’umufaransa yaciwe amande angana n’ibihumbi bine n’amajana atanu(4500) vy’amfaranga y’amanyaburaya hamwe n’igifungo gihakwa kugana ku myaka ibiri yagirizwa kuba yari yaborewe ku rugero rungana n’amagarama 1,8 kw’iritiro ry’amaraso, inyuma y’ukugira isanganya ataco ryononye mu kwezi kwa Munyonyo 2012.
Nk’uko vyashikirijwe n’umucamanza Aurelia Devos, yasamajwe n’ivyiyumviro bijanye n’ireresi yagiranye n’umukinyi w’umugore akomoka mu gihugu c’Ubwongereza, Elizabeth Hurley, ireresi bakoreye i Tchetchenie.
Kubw’uwaserukiye sentare, ivyo yagirizwa ni ivy’ukuri. Akamoto k’inzoga kari kenshi igihe abapolisi bamufata. Inyuma y’iryo sanganya, yaratwawe n’agashavu bakimufata aca avuga ko bidakwiye ko ahagarikwa kubera yanyoye inzoga.
Prosper Ndayikeza
