Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yamize telefone ngendanwa yanka ko umukunzi wiwe abona ubutumwa (...)
 Yamize telefone ngendanwa yanka ko umukunzi wiwe abona ubutumwa burimwo
 Yamize telefone ngendanwa yanka ko umukunzi wiwe abona ubutumwa burimwo
				
				mardi 3 Nyakanga 2013
Adriana Andrade ni umukobwa w’imyaka 19, akomoka mu gihugu ca Brésil ahitwa São Paulo. Inyuma y’aho umukunzi wiwe amusatiriye, amusaba kumwereka ubutumwa bwari muri telefonne ngendanwa yiwe, Adriana Andrade yahisemwo kuyimira.
Nk’uko tubikesha urubuga dugeek.com, iyo nkuru yatangaje benshi yatanguye kuvugwa kuva ku munsi wa gatanu. Umukunzi wa Andrade Andrade yagumye amusaba ashimitse ko yomwereka ubutumwa buri muri telephone ngendanwa yiwe. Kuko yari azi ko bushobora kumusambuza, vyakabaye kera, yaciye ayimira.
N’aho ivyari vyanditswe muri ubwo butumwa bitaramenyekana, abatari bake muri ico gihugu bariyumvira namba vy’ukuri kuyimira ariyo ngingo yasanze yoba ngirakamaro kuri we, canke kuba ubwo butumwa bwari muri telephone ngendanwa yiwe aribwo bwari kumutuma yirengagiza ingaruka vyomuzanira ayimize.
Ariko rero, Imana yarakinze, Adriana Andrade ntaco yabaye ahejeje kuyimira. Biratangaje ukuntu yashoboye kurengana mu muhogo ntiyamuniga. Yaciye ajanwa ku bitaro, ubu abaganga bakaba bamenyesha ko amagara yiwe atabangamiwe na gato. Arindiriye ko yobarwa bayimukuremwo.
 
- Adriana Andrade ku musego mu bitaro inyuma y’aho amiriye telefone ngendanwa. Ku bubamfu bwiwe, isanamu y’iyo telefone aho iri mu nda
Egide Nduwimana

Messages
10 Nyakanga 2014, 14:43, par Shebe
Harabihevyi kw’isi kweri!!! aho yemeye kwiyica kubera kunyegeza msg umukunzii wiwe!!!!,nibintu bitangaje kabisa!!!!!!!