IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mwongeye Theophile yasubijwe iwabo adashikanye ubutumwa yari azaniye (...)

Mwongeye Theophile yasubijwe iwabo adashikanye ubutumwa yari azaniye umukuru w’igihugu

samedi 24 Rusama 2014

Théophile Mwongeye yasubijwe iwabo mu Rwanda, inyuma yaho afatiwe agapfungirwa mu ntara ya Kirundo yagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Inyuma y’aho Théophile Mwongeye avugiye ko afise ubutumwa bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, akavuga ko ubwo butumwa yaburungikanywe n’Imana kandi ko azobwihera umukuru w’igihugu ubwiwe bari babiri, yaciye atabwa muri yompi, akaba yarekuwe kuri uwu wa gatanu, igenekerezo rya 23 Rusama aho yari amaze iminsi umunani ari muri yompi, mw’ibohero ryo mu Kirundo, aca asubizwa ubutarariye iwabo, mu gihugu c’Urwanda.

Twobibutsa ko abajejwe agateka ka zina muntu mu ntara ya Kirundo bagumye basaba ko hako uwo muvugabutumwa yogumizwa mw’ibohero, kandi vyaranse ko ashikiriza ubwo butumwa, ko yopfuma arungikirwa ubutungane, akavanwa muri iryo bohero yari apfungiwemwo kure y’umuryango wiwe. Amakuru dukura aho mu Kirundo amenyesha ko icariho c’umushikirizamanza muri iyo ntara yagerageje kugondoza umuvugabutumwa Mwongeye Théophile kugira amubwire ubwo butumwa afitiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ariko aramwankira kuko yavuga ko "Imana yamutegetse kuzobubwira umukuru w’igihugu bari bonyene."

Mwongeye Théophile umuvugabutumwa wo mw’ishirahamwe ry’amashengero ya Pentecote mu gihugu c’Urwanda, akaba yashikanywe ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda kuri uwu wa gatanu, igihe c’isaha y’icenda n’igice z’umuhingamo, ubutumwa yashaka guha umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yabusubiranye inyuma.


Aristide Nizigire

Messages

  • Iyo yemera kumviriza ubwo butumwa yaba agiz neza.

  • Naho Biruko Muraraba Neza Wosanga Atarubutumwa Bwiza Yarazanye Kuko Bivugwa Ko Busokoza Nabandi Bariko Bategura Umugambi Wo Kwica Nkurunziza Bawutegurira I Kigali, Wosanga Ariwe Bari Batumye Iyo Mission. Kuberiki Yavuga Kwatawundi Yobubwira Atari Perezida Gusa Kandi Imbonankubone? Mugabo Ntavyozi Cariciyumviro Canje

  • Nabutwarire umwicanyi wabigize umwaga Kagame. Kuko ijya kurisha ihera kurugo!!!

  • EMWE,
    JEWE NARI NABIVUZE,NTI SINDABIZI ARIKO HARAHO WOSANGA IYO MANA YOBA ARI YAYINDI YAHUNGIRA MU RWANDA,
    RERO,YOBA IRIKO IGIRA IMIKENYURO.

    NI YABA NAHO,ARI UBUTUMWA BUVA KU MUKAMA MANA RUGIRA VYOSE, IZOTUMA N’UWUNDI AVA NKO MU BINDI BIHUGU NKA ZAMBIA,TANZANIA,NAMBIA,INDONESIA,COLOMBIA,LITUANIA,INDIA, n’ahandi...

    AHO NA HO NI VYANKA, IMANA YOCA IRUNGIKA IBITI N’AMABUYE,CANKE UTUNDI DUKOKO...

  • Nagende arijanye yasanze ivy’aba CNDD-FDD vyagiye kuvoma otherwise yari gucira umugani abari bamutumye

  • Abwanka abwemera iMANA YARAVUZE KANDI IZOSHITSA ISEZERANO WANKA BANGWE NTIWANKA ZANANDABE.

  • Niyaba vyukuri bwarubutumwa bw’Imana yaremye Ijuru n’Isi nagende arwize kwiyegereza Imana mugusenga kugira imwereke inzira ishoboka yokugira azoshikane ubwobutumwa, kuko Imana ifise uburyobwose bushoboka bwogutuma ubutumwabwayo bushikira uwo ibishaka ko bushikira Imana ntinanirwa ntihagire uwuzobahenda, abayiyitiriranabo bazokomeza kumaramazwa nkukomubona biriko biragenda.

  • Yerusalem yelusalem upfunga abahanuzi

  • Ahubwo bari bamutebeje kabisa nasubire iwabo areke kuza kudutesha umwanya twibereye mu bikorwa!

  • Wewe wiyita mutabazi burya uwokubaza aho bariko bawutegurira woherekana? muzoze muvuga ibintu muzi kuko hariho ibishobora kubakwegera hanyuma umuntu arashobora kugir’amakenga ariko ntuvuga ivyutazi

  • @Kigongwe, ivyo Mutabazi yavuze bishasha bidasanzwe bitavurwa vyotuma bimukwegera nibihe harya?

  • Wewe witazira kikogwe utubwiye ko Mutabazi yandits’ivy’atazi, wewobiturucya ng’aho jtugire k’umuriri ncya numva wenda ko uwakubaza neza wab’ufit’ubuhamya, ntikik’ikibay’ikinyegezwa ko harimo kwitoza murwatubyaye ibihumbi ngo babandanyewamugambiwabo wa empi

  • None se wowe wiyita Kigongwe ushobora kumpa byibuze izina ry’umuntu wishe wishi benshi kurusha Kagame!!! Naba ariso wanyu ugende aguhe akazi!!!

  • Njyerwose ukombibona ahangaha mubihugu byomubiyagabigari twabyemereza icyarimwe ko uyumu president wu Burundi Nkurunziza nuwambere yirinda icyocyose cyacyinyiza uburenganzira bwubwoko bwaribwobwose burimugihugu ayoboye cyu Burundi niyumubonye urikuvuga wiyumvamo amahoro ariko uwiwacyu avuze wagira yasinze! Rwose uwaduha Nkurunziza, na Buyoya wahoze arongoye u Burundi na Ntibantunganya nawe wahoze arongoye uburundi nuriya mugore Consillia wa UPRONA na minisili witwaro yohagati mugihugu cu Burundi naba silikari babiri umwe wumuhutu nuyundi wumututsi bakaduhanurira abayobozi bakuru bu Rwanda wendabyafashya natwe nkabanyarwanda bakaturosa nagatoyi kubijyanye nubwisanzure. Kuko rwose nubwo Isi yose iziko uburundi bukenye njyembona ubungubu hakuba murwanda nakwibera muburundi rwose,! Ubungubu murwanda bigezeyaho umunyarwanda ahamagawe ni telefoni ivuye hanze yu Rwanda ucyugenda ku reporta kubajejwe umutekano! ndababwiye nishyano mbambaroga!!! batutsi nabahutu biburundi mudusabire kurinyagasani ahamubona abanyarwanda dusigaye tuyobowe nkinkarwose.

  • Nibyo Rukoko akarengane kari mu Rwanda ntahandi kari. Ubu muri iyi minsi ubutegetsi bwacu bwirwa bushimuta abaturage!! Kandi aribwo bwagombye kubarinda. Wagira ngo urwanda ruyobowe na Boko Haramu!!!

  • Burya ubutumwa bwarashitse kuko uwo Imana yatumwe yaragamburutse. Uwutegerezwa kubwakira yaravyanse ariko intumwa yarayibonye. Nta bindi niyitahire amahoro, ahubwo nukuraba neza ko batamutekereye akantu kazomwica àpetit feu.

  • Uwo mugabo yari ifite uburozi yatumwe na Kagame mukwica Nkurunziza!!Igishimishijeyaratahuwe none uburozi yabushubije KagKagame wari wamutumye!!!

  • Nivyogose Rukoko ibyavuze nibyo, nanjye ndikubona ko hagutura mu Rwanda rwubungubu nakwiturira mu burundi nubwoburimubihugu byambere bikenye, Arikose buryatubishyize mugacyiro wasanga ubukire bwurwanda burihehe? njyembona abaturage bu Rwanda nabu Burundi bose bakenye! gusa nuko mu Burundi umutungo usabikanijye mubarwizatunga gusumbya ukomu Rwanda bimeze kuko Rwanda umutungowose urikubantubake cyane nabonyene nkabose biganjyemo abatutsi, ariko mu Burundi muribimwebyishyi badusumbya harimo nuko abahutu nabatutsi bishyira bakijyana mubucyuzi mugihugu cyabo ntanabacyuruzi beshyi bakorera kugijishyo cyu bukuru wigihugu barishyira bakijyana.

  • hahaha!! jyewe maze gusoma ibi biransekeje, ariko nukubyumva kuko niyo myumvire abantu baba bagezeho.uyu muvugabutumwa ahuriye hehe na kagame koko?icyo mbabwiye cyo:nuvuga ko akabuye ari gato; uzuname ukarye urwara.ngo aho kuba murwanda waba muburundi???none se ninde wababujije kujyayo? wenda umuntu yahumeka umwuka utarimo ubunyamaswa nurwango mwanga urwanda.uwanga urwanda wese azagubwaho nakaga(ingero zirahari)

  • We ntiayabaye nko Jonas igihe yahunga kandi yatumwe I Ninawi kahaburira. Ariko igiteye amakenga n’ukwo yavuga n’Umukenyezi w’umukuru w’igihugu atari kubumubwira agasha Perezida gusa. None Umugore wa perezida womuhisha iki kubiraba umunega wiwe?!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.