IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Yoba azohava asubiramwo indahiro y’icegera ca mbere c’umukuru (...)

Yoba azohava asubiramwo indahiro y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

mercredi 23 Gitugutu 2013

Mu birori vyo gutangura icese amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, indahiro ya Bernard Busokoza ntiyubahirije ibwirizwa shingiro. Abahinga muvya politike bamenyesha ko Busokoza Bernard, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yari akwiye gusubiramwo kurahira.

Imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka ari nabo baserukira abanyagihugu, Bernard Busokoza, uwatowe kugira asubirire Terensiyo Sinunguruza yarahiye avuga ati : « Imbere y’umukuru w’igihugu, we wenyene nyene igihugu , jewe Bernard Busokoza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ndarahiye ko ntazotirigana ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi, kw’ibwirizwa shingiro rya Repubulika y’Uburundi n’ayandi mabwirizwa. Ndemeye kandi ko nzoharanira ntiziganya ineza y’Uburundi n’abarundi, kunywanisha abarundi, amahoro n’ugutunganiriza bose. Ndiyemeje kandi kurwanya ivyiyumviro n’ingendo y’ihonyabwoko n’ugukumirana, guharanira n’uguteza imbere agateka ka zina muntu n’akabanyagihugu bose no kwubahiriza imbibe n’ukwikukira kwa Repubulika y’Uburundi .»

JPEG - 34.8 ko
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarahiye "imbere y’umukuru w’igihugu, we wenyene nyene igihugu" kandi ibwirizwa shingiro ritegekanya ko arahira "imbere y’abarundi bo bene Uburundi"

Ibwirizwa shingiro ntirihura n’iyo ndahiro yasomwe na Bernard Busokoza kuko mu ngingo yaryo y’127 bategekanya ko icegera c’umukuru w’igihugu yari kurahira avuga ati : « Imbere y’abarundi bo bene Uburundi , jewe Bernard Busokoza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ndarahiye ko ntazotirigana ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi, kw’ibwiriza shingiro rya Repubulika y’Uburundi hamwe n’ayandi mabwirizwa kandi ndemeye ko nzoharanira ntiziganya ineza y’Uburundi n’abarundi, nkubahiriza ubumwe bw’abarundi, amahoro n’ubutungane kuri bose. Ndiyemeje kurwanya ivyiyumviro n’ingendo vy’ihonyabwoko, guharanira n’uguteza imbere agateka ka zina muntu n’akabanyagihugu bose no mu kwubahiriza ukwikukira n’imbibe za Repubulika y’Uburundi . »

Muri iyo ndahiro idasa n’iyiri mw’ibwirizwa shingiro, Bernard Busokoza yitiranije umukuru w’igihugu n’abarundi bose, amwitirira kuba ariwe « wenyene nyene igihugu » kandi igihugu ari ic’abarundi bari baserukiwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka bari mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe aho yarahira. Abatari bake bariko baribaza namba yoba yabigize abibona canke koba karamusovye, ariko igitangaje n’uko sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yaciye yemeza iyo ndahiro itubahirije ibwirizwa shingiro ry’Uburundi mu ngingo y’127.

JPEG - 32.4 ko
Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yaciye yemeza iyo ndahiro ya Bernard Busokoza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Pascal Rwankara, umuhinga mubijanye n’ibwirizwa shingiro amenyesha ko Bernard Busokoza, icegera ca mbere ‘umukuru w’igihugu yari akwiye guca aho yaciye ubwa mbere, agasubiramwo iyo ndahiro yisunze ibwirizwa shingiro, kuko ubu ashobora gufatwa nk’uwutararahira kandi n’ivyo ariko arakora bishobora gufatwa nk’ibitakozwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 82 ko
Pascal Rwankara, umuhinga mubijanye n’ibwirizwa shingiro

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.