Yoweri Museveni agiye kurungika intumwa yiwe guhuza Abarundi

Yanditswe na Van Naris Mugisha
Kuya 5 Myandagaro 2015 saa 08:55
Yasomwe : 83412
0 0

Umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni yamenyesheje ko agiye gusubira kurungika intumwa yiwe guhagararira ibiganiro bihuza abegwa n’ikibazo ca politike mu Burundi.
Inyuma y ‘ikiganiro hagati ya Yoweri Museveni n’umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon,na Dlamini Zuma arongoye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,Yoweri Museveni yemeye kurungika umushikiranganji wo kwivuna abansi mu gihugu c’Ubuganda ngo aze amuserukire mu biganiro.
Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi,umushikiranganji (...)

Umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni yamenyesheje ko agiye gusubira kurungika intumwa yiwe guhagararira ibiganiro bihuza abegwa n’ikibazo ca politike mu Burundi.

Inyuma y ‘ikiganiro hagati ya Yoweri Museveni n’umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon,na Dlamini Zuma arongoye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,Yoweri Museveni yemeye kurungika umushikiranganji wo kwivuna abansi mu gihugu c’Ubuganda ngo aze amuserukire mu biganiro.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi,umushikiranganji w’imigenderanire Alain Aime Nyamitwe yavuze ko biteguye kwakira umuhuza umwanya uwariwo wose,ariko ko ibiganiro vyahinduye intumbero kuko hari abatavuga rumwe na Reta bamaze kuja muri Reta.

Mwomenya ko ibiganiro vyari yahagaze iminsi mike imbere y’uko haba amatora y’umukuru w’igihugu.


Kumenyekanisha

1
Jakaya hermes 9-08-2015 à 11:52

Muragapfa mudatoye abarundi tuzobihakana bidatevye

2
Bazoza 7-08-2015 à 10:50

Museveni arungika abantu canke arungitse abaje kutumara?ugira si we na mugenzi we Paul bariko baradusamburirako Burundi.nagende uwo mugesera.

3
Dj Asson 6-08-2015 à 22:46

Abarundi Gikuru Twipfuza Namahoro Iyo Biba Bakumvikana Ngira Abarundi Twonezerewe Nabapfa Boreka Gupfa.

4
RUTAGARI GWATABA 6-08-2015 à 22:13

ABOBOSE BATURYANISHA BADUHENDEREZA AMAFARANGA BIVYE KERA AHO BICA BASOKURU NA BADATA,BABAHORA UTWO BIRONDEREYE NGO MOTIF NABAMENJA,BARABONYEKO ATABUTEGETSI BAZOSUBIRA KURONKA BONYENE NONE BARIKO BARATUMARA KUBWENGE!HEWE KEBA NA YOO UBUHO NTAMASINDE TUZORIMA DUTONGORA

5
Kennedy 6-08-2015 à 08:15

Peter n’abiwe bihaye 3è mandant ku nguvu ntayo bazotwara.tuzogwana mpaka bomoke.

6
Ok 6-08-2015 à 04:41

Ntavyamamanda boganirako ahubwo nukumesa uwowese atayemera duhereyd muri camp ngagara

7
Maurice. 5-08-2015 à 22:40

Tuvuganukuri,ubutwese turazubwenge.ivyakahise ntawutavyibuka,manda ya3 siyo iriko iratuma inzirakarengane zihasiga agatwe.Imana yacu ntizokwemerako igihugucacu cononekara nkukobamwe bavyipfuza

8
Bonava Ganwa 5-08-2015 à 21:52

Turasavye Batangurire Aho Bari Bageze Donc Kuri "3eMandant" Kuki Batinya Nimba Bari Mukuri Ahubwo Nibatondane Abahinga Muvyamategeko Bo Kumpande Zose Bagiharireko Bimwe Bikomeye Umuhuza Azoce Acurubanza. Erega Abantu Bamaze Gupfa Kubera Manda Ni Benshi Kandi Ububisha Bushasha Murabona Ko Bwiyongera Kumunsi.

9
Bimana 5-08-2015 à 21:30

Urarngika umuhza wukri! arko ntazab nyirabayzane.

10
MAHANGAYIKO ELIAS 5-08-2015 à 20:27

Uburundi buracari mu ngorane pe,narirya abobukijeje baguma bazura akaboz.amajamb akomeretsa abnd twoyhz,ivyaby vyarbay,twar dukwy kuvyihz,tukubak uburund bwc.umufarans ati:si tu veux k les poules ne mangent tes grains,il faut tuer toutes les poules du villag,ce qui est impossbl.commnt terminer nos ennemis burundais alors qu’ils en naissent d’autr?seule la reconciliation en est solution.

11
jk 5-08-2015 à 19:47

@bongo, uko bongo kabisa, inyungu kagame ashaka muburundi nizihe? Natwe ntitukigomba museveni nkumuhuza kira noneho ntamuhuza tugikeneye hamwe yoza akuraho mandat gusa.

12
bongo 5-08-2015 à 11:41

museveni kuza naze ariko twipfuza kwatabintu vya manda yozana ngo biganirwe kuko uburundi bwarikukiye abo bicabantu bakitwaza ngo ni manda ya3ibituma biteba bitebuka haricobazobona tuzoraba museveni twipfuza kwotoza ashirimbere ivyiyumviro vya kagame ubonako kagame na museveni aribamwe inyungu kagame ashaka mwibi vyi burundi turazizi

13
ANICET 5-08-2015 à 11:37

NONO.WIRINYAMITWE.IVYOVYABAGIYEMURIRETA.AVUGA.YUKWIBIGANIRO.BIZOHINDUKA.NIMBAHARIVYOHINDUKA.YOBIVUGIRAMURIYONAMA.JEWE.NDUMVA.YUKO.NAHIZOBA.ATAKIZOVAMWO.ATANGUYEKUVUGUKO

14
MWARIMU 5-08-2015 à 11:30

NDASAVYE ABANTU MWESE DUTANGA INTERERANO TUZE TURATERERA INTERERANO ZUBAKA . HARI BAMWE BANDIKA IBINTU UKIBAZA KO ATARI ABARUNDI . BIRATEYE UBWOBA KANDI BIRABABAJE . MPANUYE ABO BOSE BAVUGA AMAJAMBO ATURIRA BIKEBUKE NTIDUSUBIZE IGIHUGU MU NDYANE Z’AMOKO MUZI NAHO VYATUGEJEJE .MURAKOZE.

15
julienne 5-08-2015 à 11:11

uyomuhuza aroze yazikenyeye kandaroze yihanye bikwiye uburundi ahobugeze sibwokuvuga ayubonye

16
Stanching hi, 5-08-2015 à 11:10

Ivyisinubusa komera"ntabahuza dushaka"

17
jogingi marahwe 5-08-2015 à 10:33

non ko nyamitw avuga ko vyahinduy inturo, ubu ingoran zari muburundi zarahez? utwo tunyoni bitez ingoran ziriho nibaganir kumvo zibituma kko abaja muri leta bazokwamaho kand nabonyen bokora bisunz ineza yabose atakimubwe.

18
BIRIMANA 5-08-2015 à 10:26

Na Museveni Nawe Agomba Iyindi Mandent None Wumva Yofasha Iki?? Ahubwo Abarundi Bonyene Nibavyizurize.

19
Ivyisinubusa 5-08-2015 à 10:01

Twebwe ntabahuza tugikeneye tuzorwicira kk vyaramunaniye . mbega Museveni yomarir ik Uburundi kand agir yitoze ubugira 3 ? arabarungika yatohoj neza sibimwe vya mbere ubuho bazosubir inyuma ari babi!!!! ivy Uburundi ntibimuraba niyubake rwiwe.

20
EMMANUEL NTAKIRUTIMANA 5-08-2015 à 09:43

Tabaranya mutam turabe KO twova mumwijima tugasubira. Mumuco.muze mutwibukirize mutama KO amaronko menshi azibamatwi.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha