Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zambia: Uwahoze ari umukuru w’igihugu yabujijwe kurenga imbibe
 Zambia: Uwahoze ari umukuru w’igihugu yabujijwe kurenga imbibe
 Zambia: Uwahoze ari umukuru w’igihugu yabujijwe kurenga imbibe
				
				dimanche 9 Ruheshi 2013
Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Zambia, Rupiah Banda w’imyaka 76 yarasubiriye kubuzwa kurenga imbibe z’igihugu, iyo ikaba ibaye incuro ya gatatu abibuzwa mu kiringo c’amezi abiri gusa.
Uwo yahoze atwara igihugu ca Zambia kuva mu mwaka w’2008 gushika mu mwaka w’2011 avuga kandi ko ariko araburazwa n’ubutegetsi buhari ubu. Rupiah Banda asanzwe akurikiranwa n’ubutungane yagirizwa kunyuruza itunga ry’igihugu, gukoresha amafaranga ya Leta mu migambi yiwe bwite canke y’umuryango wiwe.
Rupiah Banda aragirizwa kandi igiturire mu masezerano yagiranye akiri ku butegetsi n’ishirahamwe rihingura peterori ryo muri Nigeria.
Egide Nduwimana
