Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zambie: Abantu 17 bapfuye mw’isanganya ry’imodoka
 Zambie: Abantu 17 bapfuye mw’isanganya ry’imodoka
 Zambie: Abantu 17 bapfuye mw’isanganya ry’imodoka
				
				dimanche 13 Nyakanga 2015
Abantu 17 nibo bapfuye baguye mw’isanganya ry’imodoka yo mu bwoko bwa camion Mercedes Benz yagonganye n’imodoka yunguruza abantu yo mu bwoko bwa Hiace i Lusaka ku murwa mukuru w’igihugu ca Zambiya,kuwa gatandatu igenekerezo rya 12 Nyakanga 2015.
Mw’itangazo ryashikirijwe n’igipolisi aho muri Zambiya,amenyesha ko ikamyo yaviye imbere iyo Hiace mu gihe yagomba gukata,hari ku birometero 7 mu burengero bw’igice gikorerwamwo urudandazwa ku murwa mukuru Lusaka.
Impanuka nk’izo,zirakunda kuboneka mu gihugu ca Zambiya,kuko abatwara imiduga bayitwara mu muvuduko urenze,bikunyurwa n’uko amabarabara yaho atameze neza.
Van Naris Mugisha

Messages
13 Nyakanga 2015, 09:27
Abantu muvuga ko zambia ifise amabarabara mabi be mubanza mubaze jewe iyo sanganya narayiboneye namaso mubihugu bifise amabarabara meza kirimwo mwabuze izindi nkuru? Nisanganya muzindi.
13 Nyakanga 2015, 09:28
Abantu muvuga ko zambia ifise amabarabara mabi be mubanza mubaze jewe iyo sanganya narayiboneye namaso mubihugu bifise amabarabara meza kirimwo mwabuze izindi nkuru? Nisanganya muzindi.
13 Nyakanga 2015, 13:28, par Festus
Numva arivyiza ntamabarabara ariyo hehe!!
13 Nyakanga 2015, 19:30, par steven saidi
imana ibakire mubwami bwayo
14 Nyakanga 2015, 05:16, par Frank
Isanganya ntahorihuriye namabaranara mabi.mbe indege ibarabara ryayo ko rigoroye ntizigongana!