Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Morgan Tsvangirai yemeje ko arwaye Kansere
 Zimbabwe : Morgan Tsvangirai yemeje ko arwaye Kansere
 Zimbabwe : Morgan Tsvangirai yemeje ko arwaye Kansere
				
				lundi 27 Ruheshi 2016, par
Morgan Tsvangirai, umunyaporitike atavuga rumwe na Reta ya Zimbabwe yatangaje ko arwaye ingwara ya kanseri mu giti c’umugongo.
Tsvangirai w’imyaka 64 yatangaje iyo nkuru kuri uwu wa mbere, akaba yavuze ko yayisuzumwe mu kwezi kwa Rusama 2016 mu gihugu ca Afrika y’Epfo.
Morgan Tsvangirai yavuze ko yahisemwo gushira ahabona iyo ngwara kuko yemera ko amagara y’abategetsi barongoye abanyagihugu adashobora kuba ikinyegezwa.
VOA ivuga ko ivyo vyashikirijwe na Morgan Tsvangirai bishobora kuba ari ukwifatira mu gahanga umukuru w’igihugu Robert Mugabe afise imyaka 92, akaba yama yagiye mu gihugu ca Singapore kwivuza ibintu bitigera bitangazwa.
 
- Morgan Tsvangirai yavuze ko yahisemwo gushira ahabona iyo ngwara kuko yemera ko amagara y’abategetsi barongoye abanyagihugu adashobora kuba ikinyegezwa
Tsvangirai arongoye umuhari Movement for Democratic Change, aramaze guhiganwa n’umukuru w’igihugu Mugabe mu matora y’umukuru w’igihugu incuro zitatu.
Yaratsinze incuro ya mbere y’amatora mu mwaka w’2008, yamara Robert Mugabe yaciye atsinda incuro igira kabiri y’ayo matora, abantu benshi bakavuga ko yabayemwo ubwicanyi hamwe n’iterabwoba.
IGIHE
