Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbambwe : Mugabe amaze gutukwa ibitutsi 60 mu myaka itatu
 Zimbambwe : Mugabe amaze gutukwa ibitutsi 60  mu myaka itatu
 Zimbambwe : Mugabe amaze gutukwa ibitutsi 60  mu myaka itatu
				
				samedi 18 Rusama 2013
Umwigisha muri kaminuza yo mugihugu ca Zimbabwe yaraciriwe urubanza rwo gupfungwa amezi atatu, mu gihe yagirizwa ko yasuzuguye umukuru w’igihugu Robert Mugabe mu kuvugira ku mugaragaro ko umukuru w’igihugu ameze nk’indogobwe yaboze.
Chenjerai Pamhiri afise imyaka 38 y’amavuko, akaba ari umwigisha muri kaminuza nkuru ya Leta ya Zimbabwe yitwa Masvingo, igihe yariko arasohoka ava mw’isoko nkuru mu bikorwa vyiwe ariho yaca atuka umukuru w ‘igihugu amaze imyaka 33 k’ubutegetsi kuva mu mwaka w’1980 ko Mugabe ari nk’umucafu bakwiye guta, ko ateye nk’indogobwe yaboze.
Kuri ayo majambo yagirizwa, abashingwamanza baharanira agateka ka zina muntu bo mu gihugu ca Zimbabwe bavuga ko bazogira uko bashoboye kugira baburanire uwo mwigisha wo muri kaminuza, akaba kandi uyo mwigisha rero yahamagariye abanyagihugu bose kutazotora uwo yise indogbwe yaboze mu matora azoba muri uyu mwaka. Akaba yahagaritswe n’abapolisi mu gihe yariko arasohoka ava mw’isoko.
Kuva mu mwaka w’2010, Mugabe amaze gutukwa ubwoko bw’ibitutsi bushika kuri 60 nk’uko bishikirizwa na Kumbirai Mafunda umuvugizi w’ishirahamwe ry’abashingwamanza bitaho agateka ka zina muntu mu gihugu ca Zimbabwe.
Kuri ivyo rero, amenyesha ko bashavujwe cane n’igihano cahawe nya mwigisha wa kaminuza, bakamenyesha ko bagiye gukora ibishoboka vyose kugira abashingwamanza babo bamuburanire arekurwe.
Aristide Nizigire
