IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa kunyuruza ibikoresho vya REGIDESO bahanishijwe gupfungwa imyaka (...)

Abagirizwa kunyuruza ibikoresho vya REGIDESO bahanishijwe gupfungwa imyaka iri hagati y’itanu na cumi

vendredi 22 juin 2018

Arcade MISAGO yagirijwe kunyuruza ibikoresho bikoreshwa mu gisata c’umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO yaciriwe gupfungwa imyaka 10 no gutanga ihadabu y’amafaranga ibihumbi mirongo itanu y’amarundi.

Uwundi sentare yaciriye igihano, ni Onesphore NKUNZIMANA, yagirijwe kugira uruhura mw’inyuruzwa ry’ibikoresho vya REGIDESO, sentare ikaba yamuciriye gupfungwa imyaka itanu no gutanga ihadabu y’amafaranga 25000 vy’amarundi.

Mwomenya ko ivyo bikoresho bagirijwe kunyuruzwa bifise agaciro k’imiriyoni 11 z’amarundi, muri ivyo, bimwe bikaba vyafatiwe muri karitiye ya Kigobe, aho ababitoye mw’ishirahamwe REGIDESO bavuga ko babijanye mu ntara ya Bururi, ariko bica bijanwa muri karitiye ya Kigobe, mu gisagara ca Bujumbura.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.