Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abamenyeshamakuru 4 b’insamirizi NTUMBERO FM bagirijwe ubusuma
Abamenyeshamakuru 4 b’insamirizi NTUMBERO FM bagirijwe ubusuma
mardi 16 janvier 2018
Thierry IRAMBONA, atwara uruganda rwo kumenyesha amakuru , amenyesha ko uwo yabitwariye batamuzi, ko mu myaka ibiri iradiyo NTUMBERO Fm imaze ikora batigeze bamubona.
Avuga ko hejuru y’ivyo, no mu bibazo iradiyo ihitiyemwo aho ikigo CNC kijejwe gukurikirana ingene ibinyamakuru bikora cayihagaritse vy’agateganyo mu kiringo c’amezi 6 batigeze bamubona.
Abo bamenyeshamakuru baremanga ko ivyuma babazwa babifise, Jean de Dieu NAHIMANA, icegera c’uwujejwe ibiganiro, akavuga ko batabona igituma ivyuma bobishikiriza umuntu batazi batigeze bakorana.
Abo bamenyeshamakuru bavuga ko, ingorane zabo bamye bazitura ikigo kigenzura uko ibinyamakuru bikora CNC, ari naho babona ko boshikiriza ivyo bikoresho.
Urubanza rukaba rw’ungururijwe kur’uyu wa gatatu, igenekerezo rya 17 Nzero 2018.
BUKURU Pacifique