IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abamenyeshamakuru 4 b’insamirizi NTUMBERO FM bagirijwe ubusuma

Abamenyeshamakuru 4 b’insamirizi NTUMBERO FM bagirijwe ubusuma

mardi 16 janvier 2018

Thierry IRAMBONA, atwara uruganda rwo kumenyesha amakuru , amenyesha ko uwo yabitwariye batamuzi, ko mu myaka ibiri iradiyo NTUMBERO Fm imaze ikora batigeze bamubona.

Avuga ko hejuru y’ivyo, no mu bibazo iradiyo ihitiyemwo aho ikigo CNC kijejwe gukurikirana ingene ibinyamakuru bikora cayihagaritse vy’agateganyo mu kiringo c’amezi 6 batigeze bamubona.

Abo bamenyeshamakuru baremanga ko ivyuma babazwa babifise, Jean de Dieu NAHIMANA, icegera c’uwujejwe ibiganiro, akavuga ko batabona igituma ivyuma bobishikiriza umuntu batazi batigeze bakorana.

Abo bamenyeshamakuru bavuga ko, ingorane zabo bamye bazitura ikigo kigenzura uko ibinyamakuru bikora CNC, ari naho babona ko boshikiriza ivyo bikoresho.

Urubanza rukaba rw’ungururijwe kur’uyu wa gatatu, igenekerezo rya 17 Nzero 2018.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.