IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Makamba : Abantu 25 bagirizwa kuba ari abarwanyi baciriwe urubanza

Makamba : Abantu 25 bagirizwa kuba ari abarwanyi baciriwe urubanza

lundi 12 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu 25 bagirizwa kuba bari mu mirwi y’abarwanyi bumvirijwe mu rubanza rw’ikibiriraho kuri uwu wa mbere muri Sentare nkuru y’igihugu yegukira intara ya Makamba. Sentare yasomye ibihano vyafatiwe abo bantu.

Babiri muribo bahanishijwe igihano c’ugupfungwa imyaka 20, cumi na batanu baciriwe umunyororo w’imyaka 15, umwe ahanishwa umunyororo w’imyaka itanu, nayo indwi basigaye bambikwa izera.

Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Makamba yagirije abo bantu baciriwe imanza ko bari mu mirwi y’abarwanyi (FOREBU na RED TABARA), bakagirizwa ko bariko bategura guhungabanya umutekano w’igihugu, babanje gutera ikambi yo mu Kayogoro intara ya Makamba.

Abagirijwe ivyo vyaha babihakanye, bamenyesha ko ari irementanya bakorewe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.