IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure 12 ba Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mw’igendereza

Abanyeshure 12 ba Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mw’igendereza

lundi 3 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure bagera kuri 12 nibo mu giporisi bavuga ko bamaze guhagarikwa, bagirizwa gutegura imigumuko muri Kaminuza y’Uburundi. Abo banyeshure bose bapfungiwe mw’igendereza i Bujumbura, nk’uko umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi abishikiriza.

Abandi banyeshure b’iyo Kaminuza nabo barahagaritse ivyigwa kuva ku munsi wa kane igenekerezo rya 30 Ntwarante 2017, bagasaba bagenzi babo borekurwa.

Iyo ngingo y’uguhagarika ivyigwa kandi ikiringo bari batanze kitari bwahere yafashwe inyuma y’aho bamwe mu baserukira abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bafatiwe bakajanwa gupfungirwa mw’igendereza.

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi baheruka kwandikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bamusaba ko yofuta ingingo iheruka gufatwa, itunganya gushasha ingene bazohora bahabwa agafashanyo (Bourse). Abo banyeshure babwiye umukuru w’igihugu ko atagikozwe gushika kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza, biteguriye guhagarika ivyigwa


IGIHE

Messages

  • Nibisanzwe , turamenyereye reta ifata aba nyeshule ba kaminuza . nibabarekure baganire . irya n ingingo y igihugu cose , agahanuza imbere yuko atera ikidodo kw itegeko . nkubu n ubukene buri mu burundi yibajije ko hokwize bangahe ?

  • Bapfunzw bazira reclamation yagateka kabo !!! umuntu yakwibaza hariho democratie ??? nya bourse nyene ngo babaha kukwezi yandikiwe umukuru umwe ku musi k umusi kubifungurwa gusa ndibaza !!

  • Abo ni ba sindumuja, mwagira barahevye umugambi wabo mubi wo gusesa amaraso ya Bene Burundi? Ntaco batagira.Ba bahutu banyu batagira umutima, batabona kure nibo bacako. Gende i Rwanda, Congo Tanzanie, ni hehe bourse ikibaho? Uburundi nibwo butunze kuruta abandi canke Abarundi nibo bakene kurusha abandi?

  • NIBATAHE NIMBA BADAKENEY KWIGA.LETA YOGIRA KUVUZA BATOYI BABO NOKUBAHEMBA NABO?CANKE,BARATEGEKA NYAKWUBAHWA.

  • Abobanyeshure bose nibahaguruke bagwanire agateka kabo, mporavuga yuko ngaha muburundi yuko twinjiranwe nitwaro yigikoroni bamwe bagaharira!, none sivyomwibonera. ntagihugu gitwarwa nuwabaye mwishamba igihugu kibakiguye mukaga, namitende iyo gitwawe nuwafuzwe mugasho, uwo abafise ubwenge bwogutwara igihugu. Akarorero uwahoze arumukuru wigihugu ca Africa yapfo nyakubahwa Mandera, yakoze ibikorinka mugihugu ciwe, nayabandi nivyo basukwamwo badashoboye nikuri kwi mpamo.

  • le peuple Bantu muri ako karere murahona kuko muriko mukamira mu coze ibipfamutima bafise umugambi mubi woguhonya les Bantu, namwe ngo muri mu ma yegereyegere mutazi icinyegeje inyuma.
    Hari uwabajije, i Congo, Rwanda, Tanzanie... ko abanyeshure birihira , ata ni deni leta ibaha, ko biga? Uburundi nibwo bwabaye igihugu rutura gitunze kurusha ibindi?
    Iyo systeme ya pret-bourse izotuma bamwe biga imyaka idaharurwa muri kaminuza kubera ubunebwe bagabanuka.

  • Hahahahahaha, mu gihe Urwanda ruturanyi ruriko rurondera une économie de connaissance, abarwayi bacu mu Burundi bariko bugara kaminuza. Hahahaha ibisabisho n’amavoka bizobatunga.Genda Burundi warabuze abatware biyumvira kazoza aho kwiyumvira inda zabo kuva witwa Uburundi.Umwami nta kindi yakora atari ukwica, Uburundi ngo burikukiye Micombero, Bagaza,Buyoyaya ntakindi bakoze atari ihonyabwoko n’ihonyabwenge. Nkurunziza ntakindi ariko arakora atari uruhumyi rw’umutima n’ubwenge no gukandamiza Umurundi.

  • This country makes me sick.

  • JENOSABA,KOBOREKUGWA,BAKAJA.KUMIRIMO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.