IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’indero busaba amashure yatangishije abanyeshure (...)

Ubushikiranganji bw’indero busaba amashure yatangishije abanyeshure amafaranga yo kwiyandikisha kuyasubiza

Wednesday 5 September 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatatu igenekerezo rya 5 Nyakanga umwaka wa 2018 ariko amenyeshako umwaka w’ishure wa 2018 ushira umwaka wa 2019 uzotangura kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga 2018,Hermenegilde BURIKUKIYE yamenyesheje ko gutangisha amafaranga mu kwandika abanyeshure bibujijwe n’amategeko aboba bamaze kuyatangisha bakwiye kuyasubiza vuba.

Kubijanye n’itunganywa ry’amafaranga y’ishure ,Hermenegilde BURIKUKIYE yavuze ko amafaranga yavuzwe yaba abayobozi canke abavyeyi bose bayazi ata kibazo biteye.

Hermenegilde BURIKUKIYE avuga ko amafaranga araba imigambi y’ishure izotunganywa niyo yonyene ategerezwa kuganirwako hagati y’abavyeyi barereye kw’ishure hamwe n’ubuyobozi bw’ishure.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.