IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Umugambwe APDR uvuga ko udashima ingingo yo kugara amwe mu mashure

Umugambwe APDR uvuga ko udashima ingingo yo kugara amwe mu mashure

Monday 3 September 2018, by vianney

Ivyo babishikirije mu gihe hari amashure amwamwe yo mu gisagara ca Bujumbura,amashure 2 yo mu ntara ya C’ibitoke hamwe n’ishure ryo mu ntara ya Rumonge yugawe kubera atashoboye kumenyesha bishimishije.

Gabriel BANZAWITONDE avuga ko ivyo kugara amashure bitera ibibazo kuko hashobora kuba igihe umwimbu w’ishure ukaba nabi ariko mu kindi gihe umwimbu ukagenda neza.

Uyo arongoye umugambwe APDR avuga ko amakenga bafise aruko ayo mashure yugaye imiryango abana bahora bahiga bashobora kubura amwe mu madosiye yabo.

Mu mugambwe APDR bavuga ko iyo ishure ritamenyesheje biha akaryo umuyobozi waryo gushira ku murongo ishure ryiwe mu guhindura abigisha no kunagura akanovera karyo.

Gabriel BANZAWITONDE asaba ko iyo ngingo yoza iritonderwa kuko bishobora kujuragiza abana ndetse nukwihebura bakihebura.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.