IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure babaye aba mbere bakoze ikibazo c’ukwinjira mu mashure (...)

Abanyeshure babaye aba mbere bakoze ikibazo c’ukwinjira mu mashure y’akarorero

jeudi 15 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure bahejeje umwaka wa gatandatu ari aba mbere ku mashure yabo bakoze kuri uwu wa gatatu ikibazo kibaha uburenganzira bw’ukuja mu mashure y’akarorero (Ecoles d’Excellence) azotangurana n’uwu mwaka w’2016 ushira uw’2017. Ikorwa ry’ico kibazo cabonetsemwo utunenge mu ntara ya Karusi, ahabonetse abayobozi banditse abanyeshure batabaye aba mbere, ariko ubuyobozi bw’indero bukaba buhumuriza.

Muri iyo ntara ya Karusi, abanyeshure bagera kuri 12 babaye aba mbere nibo bisanze batari ku ntonde z’abakora ico kibazo zatanzwe n’abayobozi b’amashure bigako. Abajejwe gukoresha ico kibazo baciye babaha uburenganzira bw’ugukora ico kibazo, abanditswe nabo batabaye aba mbere, hakaba hagiye gukorwa amatohoza.

Mu gisagara ca Bujumbura, ico kibazo cakorewe kuri Lycée Ngagara hamwe hamwe no kuri Lycée Saint Marc. Abakoze ico kibazo mu gisagara ca Bujumbura akaba ari 252 bose hamwe, nk’uko vyemezwa na Renovat NZEYIMANA, umuyobozi w’indero mu gisagara ca Bujumbura. Ibibazo vyakozwe ni ibiharuro hamwe n’igifaransa.

Abazotora ico kibazo bazokwiga mu mashure y’akarorero azohuriramwo incabwenge kurusha abandi banyeshure, bakazohabwa abigisha barusha abandi ubwenge. Abo banyeshure bazokwiga baba mu ndaro, ibitari bihari ku banyeshure bo mu mwaka w’indwi.

Ayo mashure azokwakira abanyeshure yisunze intara begereye

Mu buraruko bw’igihugu, abanyeshure bo mu ntara za Ngozi, Kayanza, Kirundo na Muyinga, bazokwiga kw’ishure rya Lycée Musenyi mu ntara ya Ngozi.

Abanyeshure bo hagati mu gihugu, mu ntara za Gitega, Karusi, Mwaro na Muramvya bazokwiga kw’ishure rya Lycée Notre Dame de la Sagesse riri mu ntara ya Gitega.

Abanyeshure bo mu bumanuko bw’igihugu mu ntara za Rumonge, Bururi na Makamba, bazokwiga kuri Lycée Kiremba iri mu ntara ya Bururi.

Abanyeshure bo mu burengero mu ntara za Bujumbura, igisagara ca Bujumbura, Bubanza, hamwe na Cibitoke bazokwiga mu mashure abiri : Lycée Saint Marc iri mu Ngagara, hamwe na Lycée Ngagara iri mu Ngagara nyene, mu gisagara ca Bujumbura. Umushikiranganji yasiguye aho ko amashure abo mu burengero bahawe amashure ari abiri ku mvo z’ibitigiri binini vy’amashure ari muri ako karere.

Abanyeshure bo mu buseruko mu ntara za Ruyigi, Cankuzo na Rutana, bazokwiga kw’ishure rya Lycée Rusengo riri mu ntara ya Ruyigi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.