IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bahejeje amashuri yisumbuye basaba kumenyeshwa amanota hakiri (...)

Abanyeshure bahejeje amashuri yisumbuye basaba kumenyeshwa amanota hakiri kare

vendredi 20 Nzero 2017

Mu gihe mu mashure ya kaminuza amwe y’abigenga mu Burundi, abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye batanguye kwiyandikisha, ubushikiranganji bw’indero buhamagarira abataratomokerwa ku manota baronse mu kibazo ca Reta kwihangana.

Atari abanyeshure bahejeje amashure yisumbuyebafise amanota 50 kw’ijana canke arenga mu kibazo ca Reta ,abandi bavuga ko gushika ubu batazi nimba baratoye ikibazo ca Reta canke nimba batagitoye,bigatuma batamenya aho bazokwiyandikisha ko mu bisata canke mu bindi bice vya kaminuza.

Mu bushikiranganji bw’indero,bubicishije ku muvugizi wabwo Juma Edouard ,buhamagarira abanyeshure kurindira ko amanota ashirwa ahabona kugira bamenye ko batoye ikibazo ca Reta canke batagitoye.

Abanyeshure basaba ko ico gikorwa coba vuba hashoboka nkuko mu yindi myaka vyahora bikorwa,kugira bamenye nimba bafise uburenganzira bwo kwiga muri kaminuza ya Reta canke muri kaminuza z’abigenga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.