IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bazokwiga muri Kaminuza y’Uburundi babwiwe ibisata (...)

Abanyeshure bazokwiga muri Kaminuza y’Uburundi babwiwe ibisata bazokwigamwo

mardi 29 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo umuyobozi mukuru w’amashure ya kaminuza yasohoye kuri uwu wa 28 Myandagaro 2017, Anastasie GASOGO amenyesha ko abipfuza guhindura ibisata bahawe ko babwirizwa kwandikira umukuru w’umugwi ujejwe gutanga ibisata muri Kaminuza y’Uburundi hamwe no kw’ishure nderabigisha ENS bitarenze igenekerezo rya 15 Nyakanga 2017 igihe c’isaha zitandatu z’umutaga.

Abipfuza guhindura ibisata vyabo basabwa kandi kubisaba bisunze ibisata biriho hamwe n’ibibanza biriho, badasize inyuma amanota baronse mu kibazo ca Reta.

Iryo tangazo rirangiza rimenyesha ko amakete y’abasaba guhinduza ibisata ko ashikirizwa mu biro vy’umwanditsi mu gisata c’inyigisho zikuru za Kaminuza kw’ibarabara ryitiriwe Uprona, mu masaha y’akazi kuva isaha zibiri z’agatondo gushika isaha icenda z’umuhingamo.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.