IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanyeshuri batatu bo muri kaminuza y’Uburundi bararenguka mu (...)

Abanyeshuri batatu bo muri kaminuza y’Uburundi bararenguka mu butungane

jeudi 16 Ntwarante 2017

Abanyeshuri batatu bari mu baserukira abanyeshuri muri kaminuza y’Uburundi bararenguka muri sentare nkuru ya komine Mukaza iri mu gisagara ca Bujumbura kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante 2017.

Abo banyeshuri barungikiwe imitahe ni BIGIRINDAVYI Dieudonne,MBONABUCA Patience,hamwe na NIYITUNGA Prosper.Ku mitahe ibarengutsa handitseko barengukishijwe ku mvo z’amatohoza.

Abo banyeshure batatu bari mu bashikirije ko badashigikiye uburyo bushasha bwo kuronsa agafashanyo abanyeshuri bo muri kaminuza y’Uburundi, bwitwa Pre Bourse.

Kw’igenekerezo rya 9 Ntwarante,umwaka wa 2017, abanyeshuri indwi bari mu buserukizi bw’abanyeshuri bari bandikiye ubuyobozi bujejwe uburaro muri kaminuza y’Uburundi, bamenyesha ko batanze imihoho.

Inyuma y’iminsi ine, kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante ,umwaka wa 2017, ubuyobozi bw ‘uburaro muri kaminuza y’Uburundi bwaciye bubishura bubamenyesha ko, uturusho bahora baronka kubera baserukira abandi duhagaritswe, aha ni ugufungurirwa no kuronswa uburaro mu bigo vya kaminuza y’Uburundi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.