IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Abarundi bahungiye i Mahama mu Rwanda baguriwe imfungurwa n’Ubuyapani

Abarundi bahungiye i Mahama mu Rwanda baguriwe imfungurwa n’Ubuyapani

vendredi 26 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ayo mafaranga yakoreshejwe mu kugura ibiribwa birimwo ibiharage bigera ku matoni 147 vyaguriwe mu gihugu c’Urwanda, amavuta agera ku matoni 34, hamwe n’ifu y’ubuyi ingana n’amatoni 55.

Igikorwa c’ukwakira ku mugaragaro iyo mfashanyo cabereye ahakorera ishirahamwe mpuzamakungu PAM mu gihugu c’Urwanda, muri Kicukiro, mu gisagara ca Kigali, kuri uwu wa kane, hagati y’Umuyobozi wa PAM mu Rwanda hamwe n’uwuserukira Ubuyapani muri ico gihugu.

JPEG - 323.3 ko
Umuyobozi wa PAM mu Rwanda, Jean Pierre de Margerie (i bubamfu) ari kumwe n’uwuserukira Ubuyapani mu Rwanda, Takayuki Miyashita, mu bikorwa vyo kwakira imfashanyo y’imfungurwa zigenewe impunzi z’Abarundi i Mahama

Igihugu c’Ubuyapani gitanze iyo mfashanyo inyuma y’aho bivugiwe ko mw’ikambi y’impunzi z’Abarundi i Mahama hari ikibazo gikomeye c’ukubura imfungurwa ku mpunzi z’Abarundi zigera ku bihumbi 55.

Takayuki Miyashita aserukira Ubuyapani mu Rwanda yamenyesheje ko igihugu ciwe kizi neza ko gufungura neza ariryo shingiro ry’ubuzima bwiza, akaba ari naco gituma ciyemeje kugira uruhara mu kurwanya inzara hamwe n’ugufungura nabi mu mpunzi, agahamagarira n’ibindi bihugu guterera agacumu k’ubumwe.

Umuyobozi wa PAM mu Rwanda, Jean Pierre de Margerie, yashimiye Ubuyapani kuri iyo mfashanyo izogira akamaro ku buzima bw’impunzi z’Abarundi ziri i Mahama.

Ishirahamwe mpuzamakungu HCR riraba ivy’impunzi kw’isi rivuga ko ibitigiri vy’Abarundi bahunga bibandanya kwiyongera, ivyo bitigiri bigashobora gushika ku mpunzi z’abarundi zirenga amajana atanu mu mpera z’umwaka w’2017, mu gihe atacokorwa mu mutekano w’Uburundi.

HCR ikavuga ko Uburundi bushobora kuja mu kibanza ca gatatu muri Afrika, mu biguhu bifise abanyagihugu bahunze kurusha ahandi, mu gihe atacokorwa.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • AVYA HCR TURABIZI NAYO KUBAFUNGURIRA NIVYIZA MBEHOHO BARI BABUZ;IVYOBARYA GUTE ATAMANDA YAGATATU YAHABAYE? KANDUBUMWE BWABURAYA BUFASHURWANDA HAAAAA!!

  • Nibagagaburir,abobarwanyi bitorez kwakagam,bakiyita impunzi tweturi muburundi bahunzik? nkoresh ihonda kuva mugatond ntaha sayin zijor bitangaj kubesha amakungu?

  • Nibagagaburir,abobarwanyi bitorez kwakagam,bakiyita impunzi tweturi muburundi bahunzik? nkoresh ihonda kuva mugatond ntaha sayin zijor bitangaj kubesha amakungu?

  • Nibagagaburir,abobarwanyi bitorez kwakagam,bakiyita impunzi tweturi muburundi bahunzik? nkoresh ihonda kuva mugatond ntaha sayin zijor bitangaj kubesha amakungu?

  • UBUHUMVYI BWANYU MUZOBUHAGARIKA RYARI? MWOGARUYE UTWO DUTIMA TWANYU TWABAYE IBITANDARA MUKAZA TUGAFASHANYA KUBAKA ICATUVYAYE. MUJE KU MAVI MWIHANE, NAHO UBUNDI MUZORINDA MUGWA MU GAHINGA MUKISI INYANGAZI.

  • Bagize neza kugufasha benewacu bagorewe mubuhungiro, Imana nibongoreze ahobakuye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.