IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Abayoboke ba Zebiya bahora i Kamanyola banse bimwe mu bifungurwa bahawe mu (...)

Abayoboke ba Zebiya bahora i Kamanyola banse bimwe mu bifungurwa bahawe mu Rwanda

vendredi 9 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Abo bayoboke ba Zebiya barenga 2500 binjiye ku butaka bw’Urwanda bavuye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo kuri uwu wa gatatu, bakaba banse gufungura imfungurwa zo mu mahinguriro bahawe bagishika mu gihugu c’Urwanda.

Abo bayoboke bagishika mu Rwanda bamenyesheje ko impamvu basubiriye guhunga ari kubera amakenga ku mutekano wabo, kandi ko bari bafise amakuru y’uko bashobora gukorwako igitero.

Abo barundi batwawe mw’ikambi y’impunzi ya Nyarushishi, mu kurindira ko HCR hamwe n’abajejwe ivy’impunzi mu Rwanda batora ikambi boshirwamwo.

Kubera ukwemera kw’abo bayoboke ba Zebiya, imfungurwa bahawe bagishika mu Rwanda ntazo bafunguye. Umwe muribo yaganiriye na TV1 yagize ati : “Nta biribwa vyose biba vyakorewe mu mahinguriro; vya bindi babika mu makarato tudafise ubushobozi bwo guca tubipima, ntidushobora kubirya; tuzorya imfungurwa zimeze neza nk’ibijumbu, ibiharage, amateke; ni ivyo bifungurwa tuzorya kandi bizotubeshaho.”

Umuyobozi w’Akarere ka Rusizi, Harerimana Frederic yatangaje ko inyuma yo gushika mw’ikambi bazogirana ibiganiro n’ubuyobozi bwabo kuri ukwo kuntu bigenza, harimwo kwanka ibiribwa no kwanka kuvurwa n’umuganga uwo ari we wese.

Yagize ati : “Twabonye ibitugaragariza ko ibyo tubafungurira batari kubyakira. Nka biscuits twazitanze tuzi ko bajya kuzifungura ariko twasanze aho bazirunze zose uko twazitanze.”

Yabandanije agira ati : “Ikigaragara ni uko mu myemerere yabo hari ibyo batarya biteye kwibaza impamvu yabyo ariko batubwiye ko ari ko bemera kandi twabijeje ko tuzaganira kuri iyo myitwarire kuko ntabwo bikwiye ko dutanga amafaranga dushakisha ibyo twakiriza abantu abo tugiye kwakira bakabyanga. Ariko turaza kubiganiraho n’abayobozi babo nibagera mu nkambi.”

Ibifungurwa abo bayoboke banse gufungura ni ibisuguti, hamwe n’ifu y’ibigori bita "Kawunga".


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.