IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Amasezerano y’isoko rusangi y’ubumwe bwa Afrika yemejwe Uburundi (...)

Amasezerano y’isoko rusangi y’ubumwe bwa Afrika yemejwe Uburundi butarimwo

jeudi 22 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Amatora y’ayo masezerano yabereye mu nyubakwa ya "Kigali Convention Centre", ayo masezerano akaba yari ayobowe na Namira Negm ashinzwe amategeko mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Ibihugu bitemeje amasezerano y’uruja n’uruza ni Djibouti, Tunisia, Repuburika ya Sahara, Algeria, Maroc, Cabo Verde, Libya, Mauritius, Ethiopie na Misiri.

Ibihugu vyo mu karere nka Tanzania, Uganda, Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo vyemeje ayo masezerano, ibihugu bitayemeje navyo akaba ari Uburundi butari bwaserukiwe muri iyo nama, Nigeria, Guinee Bissau, Sierra Leone hamwe na Eritrea.

Imbere y’uko ibirori vy’ugutera umukono kuri ayo masezerano bisozerwa, hashimiwe abantu bitanze kugira ayo masezerano ajeho, kandi aterweko umukono. Abo ni Nkosazana Dlamini Zuma aheruka guheza ikiringo ciwe nk’umukuru w’umurwi w’ubumwe bwa Afrika, Fatima Haram Acyl nawe nyene yahejeje ikiringo ciwe nk’umukomiseri wo mu bumwe bwa Afrika ajejwe ubudandaji, hamwe na Mariam Omoro ari mu bakurikirana ishirwaho ry’ayo masezerano, akaba yitavye Imana mu mwaka uheze w’2017.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • nonegayemwe uburero karaciyingani dupfetwese atacamira . abarundinzarirabarembeje twagiratwisununurenagatoya nonebirabuze . kubonaharakagwigato katwicinshizinzara ivyobirababaje . kubonabantu barenga imiriyoni cumi bicweninzara kuberabantu badashikacumi ivyobirababajepe .

  • Burundi barundikazi iyi nama y’i Kigali n’ingirakamaro cane gose, u Rwanda rwaradusize Kabisa, ndabira iyo salle ya Convention center ,DD turacafise urugendo rurerure kugira duhamvye FPR

  • Ehe raba shahu,ukuntu mu rwanda inama nyinshi bazitunganya bakira abakuru b’ibihugu bitandukanye, ubwo siryo shavu nkurunziza afitiye igihugu c’urwanda ubwo rero nkurunziza nawe ngo ategereje kwakira inama ya comesa tegereza amaso azohere mu kirere.hanyuma bagutumira ukanka kwitaba witwaza ngo bakubaniye nabi kandi. Abanyagihugu bawe ubwo sibo bahagwa?

  • Nukuri abarundi mwaragowe pe murebe abantu nose bari bitabiriye iyi nama uko bangana ni ibihugu baturutsemo murebe naho hantu iyi nama yabereye maze mumbwire koko ngo intumwa z’uburundi nta mutekano zari bugire koko twabashije gucunga unutekano w!abantu bangana gutya abarundi nibo bari kubura umutekano???!! yewe Abarundi muzicuza igihe cyarenze.

  • Emwega basha ubu koko turakenyeye abandi babandanye kuraba ingene ibihugu byabo byisununura mu butunzi baraba ingene bikwifatanya n,abandi naho twebwe tukama twikoma u Rwanda? Twibereye mu mbari?None ko umengo Inama nyinshi ariho zibera turakenyeye tuzireke? None mwibaza ko ababihomberamwo ari bande? N,abanyagihugu. Genda Burundi waragowe. Mbe nk,ubu Ndadaye na Rwagasore bagarutse twobabarira iki?

  • Caratuvunye,
    ariko kibandanya kituvuna, ubu hoho kizotwarana n’amafyigo. Bavuga ngo aba tusti nibo nkozi z’ikibi, none kombona hatwara mwene watsu, ariko inzara itwise.
    ehe raba, abandi umwaka uheze barabongera ku musahara, tweho nutwo twari dufise bariko baratugabanya, ntihakagire uwihenda ngo umutusi niwe amerewe nabi wenyene, na twebwe abahutu tugendamwo. Mvuge nk’incabwenge, none aba zenerare karashizingani batugumizeko uwutwitsisa inzara!!!, Tora uyundi mu DD aciye ubwenge, adusubizeko agahuzu, dutere imbere, turonke imfasanyo nayahandi turapfa nkendemama, umugambwe nawo turawubura bidatevye. Garukira igihugu nka bamwe ba kera, mutabikoze azobaronderera ya Visa muze muhurire mw’izuru mwiswanze, ugutwi kw’impene kwumva kwokejwe!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Twebwe abarundi ntitwoja mu gihugu kituraba ay’ingwe ntitwarikurungika aba chef bacu dukunda kandi twemera ok uburundi bwakoz’ico bwategerezwa

  • jewe nsavye caratuvunye agende yibere mu Rwavu ko abona ari heza.

  • ntimwiyunviga kure murenze amaso.Uyo kagame muririmba nivyinsi vyirekena ko ari High free mason.no.1.umugenzi wa tony blair,clinton ooh ,2)yama mumanama muri davos economic forum 3)igihu ibinyamakuru bivuga neza birenze kandi hari ibihugu biriko bitera imbere kuruta nka ethiopia,nigeria,gana,mauritania 4)gutera ababanyi tihagire uwumubaza 5)kwirirwana na israel 6)burumunsi bama bagurana basesa amafaranga buriwese murwanda

    Naho iciyunviro cayo africa accord ariciza yakoreshejwe inyuma MU BIBI NA VYIZA

    Abanyarwanda nabakozi kandi nababeshi reba uko ababeshe ko habe air free mouvement kugira rwanda air iharonkere.NTAWANKA ABAKOZI ARIKO ABABESHI WABIRINDI murivyiza nabibi uciye ubwenge.Mbe museveni, mugufuli nibicucu??Nikangahe muzobona ko urwanda ruguye ababanyi? iyo idea ya african free market yarigutegurwa anywhere.Kagame yayibonye kuri museveni yarwaniye east african community.

  • umve.mbaterinkuru uwushaka gusigimvura arayirindira!!mutama Pierre NKURUNZIZA...vyukuri turakwemera.nibakore nawe ukore mutama muzohuririmbere...ntanzira idashika.mbona zose zishika....bandany uze tubanze duhinyanyure ibintu mumategeko.nayo KAGAME ntawutamuzi...akumira ubwoko bumwe gusa.ahubwo abarundi turaje tubenurire....mugushira hamwe kweli

  • umve.mbaterinkuru uwushaka gusigimvura arayirindira!!mutama Pierre NKURUNZIZA...vyukuri turakwemera.nibakore nawe ukore mutama muzohuririmbere...ntanzira idashika.mbona zose zishika....bandany uze tubanze duhinyanyure ibintu mumategeko.nayo KAGAME ntawutamuzi...akumira ubwoko bumwe gusa.ahubwo abarundi turaje tubenurire....mugushira hamwe kweli

  • Ico nibariza uyo yitwa amee nsomye ivyo wandiste ntaho ntakuzi biraboneka ko uru mu dd kuko nibo bafise jalousie yurwanda hama navyo uvugwa neza nuko akora ivyiza kandi abishoyoye ntaja gutera amavoka no gutera agapira aronderera igihugu ciwe iterambere kandi ncabwenge irakundwa hama ivyogutera abanyi naho turazi neza ko atarivyo ningorane dufise twashaste kuyihindukiriza kurwanda mbe iyo badutera hoho ubu nkurunziza aba ari kungoma?ivyo nawe urabizi ikindi naco museveni na magufuri ni bicucu nkabo bandi kuko bobo baraserukiwe kandi bara signe ja muvuga ukuri kandi mwemere urwanda rwaradusize kubera uwurutwara abishoboye igisgaye ni jalousie!!!!!!!!

  • ABARUNDI NJYE BARANSETSA CYANE BASHAKE INDI MPAMVU UMUTEKANO WA BARUNDI MU RWANDA! !!!ABARUNDI SU KUBIHOMAHO NTAMUTEKANO URENZE BAKENEYE HANO NUWAZA, NI BISANZWE KUMUNSI, HINJIRA ABARUNDI BANGAHE KO BAZA BAKAGARUKA NINDE UBACUNGIRA UMUTEKANO NINDE UBASAGARIRA MU RWANDA UWARI WE WESE ARAGENDA NTANUBAZA URI UWAHE ABAZA, MUZABIABAZE IBYUMUTEKANO MUBITUREKERE IBYO TURABISHOBOYE ABAKURU BIBIHUGU TWAKIRIYE BIRAGARAGARA MUKOMEZE MWIKINGIRANE MURAHIMA ABATURAGE GUSA

  • Eric, wishize mu mutwe ko upfa urapfa nyene. Ariko pfa wipfane twebwe ntituri kumwe. Turafise amahoro, turarima ikirere kigenze neza tukimbura. Nimba uri ikinebwe wirirwa uranwa urumogi mu Nyakabiga, Jabe na Musaga inzara irakwirahira nyene. Impanuro ndaguhaye ni iyo gukura amaboko mu mpuzu agakora. Atari ivyo naho ugiye gupfa widoga.
    Nyenicubahiro Pierre NKURUNZIZA yama yadusavye gukura amaboko mu mpuzu none ntimwumva muguma mwiririra gusaaaa!!!! Abavuga nabo ngo Urwanda ruteye imbere nibagende babeyo baturekere Uburundi bwacu buri inyuma. Ariko jewe ndiko ndaraba Uburundi aho bugeze muri ino misi mbona intambwe ishimishije.Mbega ndabibarize: arya mabarabara ya kaburimbo na pavé mwaturiye mwongera mwimba muri 2015 yubatswe kuri Buyoya? kuri Ndayizeye? Nimugende mu Rwanda i Mahama barya bagahaga mutureke dusonere i Burundi.
    CARATUVUNYE, tubwirizwa KUGIKINGIRA no KUKIRWANIRA.
    Wewe wirirwa uravuga ayamuhe ntuzi ingirane twagize kugira tugere aho turi uno musi: mu 1993 nari umwana duhungana n’abavyeyi turara mu mwonga abasoda ba Buyoya na Bikomagu birirwa barica abantu mu mitumba. None raba amahoro arabonetse mutanguye gutura amangati...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.