IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abashingamateka berekanye amakenga ku ngingo y’ugusaka mw’ijoro (...)

Abashingamateka berekanye amakenga ku ngingo y’ugusaka mw’ijoro yemejwe

jeudi 19 avril 2018

Amakenga yerekanywe n’abashingamateka afatiye ahanini ku ngingo itanga uburenganzira bwo gusaka mu masaha y’ijoro, bigakorwa mu kivunga, uruhusha rwo gusaka rushobora kuzotangwa hakoreshejwe terefone, hamwe n’ibijanye no kwumviriza amajwi y’uwahamagaye kuri terefone kugira baronke ivyemezo vy’icaha.

Umushingamateka Bernard NDAYISENGA yabajije ko kurekura igikorwa co gusaka kiba mu kivunga atari ugutuma ivyahora bikorwa biciye mu makosa bitagiye ahubwo gushimangirwa.

Icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka RWASA Agathon, ku ruhande rwiwe hamwe n’abandi bashingamateka bashatse kumenya namba igikorwa co gusaka ijoro kidashobora gutuma uwuje gusaka yikika inyuma y’umuzimiza kugira arementanirize umuntu, mu gihe yoza yitwaje ikintu comufatisha canke akamwica avuga ko yariko aramwivuna. Aho tukabamenyesha ko Agathon RWASA ari mubatemeje iyo nteguro y’itegeko.

Yishura kuri ayo makenga yose, umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA yasiguye ko iyo nteguro nshasha yatunganijwe kuko ubukozi bw’ikibi buguma bwiyongera, n’ubuhinga bwo kubukora bukaguma butera imbere, kandi ko itaje guhohotera uwu canke uriya.

Ku bijanye n’isakwa rikorwa mu kivunga hamwe n’isakwa rigiye kuza rirakorwa mw’ijoro, Aimée Laurentine KANYANA arahumuriza abafise amakenga.

« Tuje gutanga umuco kugira isakwa mu kivunga rikorwe mu mategeko. Gusaka mw’ijoro bizokorwa kubw’umutekano w’igihugu, kandi bizokorwa ku vyaha bikomeye vy’agahomerabunwa, kandi bikorwe n’abaporisi b’indero. »

Ku makenga y’abashingamateka afatiye ku ruhusha rwo gusaka rushobora gutangwa hakoreshejwe terefone, umushikiranganji Aimée Laurentine KANYANA yasiguye ko urwo ruhusha ruzotangwa n’umushikirizamanza wa Republika.

Inyuma yo guca hirya no hino iyo nteguro y’itegeko, yahavuye yemezwa n’abashingamateka 90, abashika kuri 22 bararihakana, ku bashingamateka 112 bari bitavye ivyo bikorwa.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.