IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abayoboke 8 ba RWASA Agathon barekuwe babanje gutanga ihadabu

Abayoboke 8 ba RWASA Agathon barekuwe babanje gutanga ihadabu

lundi 29 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ingingo y’uko abo bayoboke ba RWASA Agathon barekurwa yafashwe na Sentare nkuru y’intara ya Ngozi, bakaba bagirizwa ko bafashwe bari mu nama itazwi n’abajejwe intwaro. Bafashwe na Musitanteri wa komine Ngozi, mu gihe bari mu bunywero bariko babarasangira.

Umwe wese muribo yategetswe ko arekurwa abanje gutanga ihadabu ry’amafaranga ibihumbi mirongo ibiri vy’amarundi.

Abo banywanyi ba RWASA Agathon inyuma y’amezi atatu bari bamaze bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.