IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amabanki asabwa gushiraho amategeko yerekana neza ivyo afasha abanywanyi (...)

Amabanki asabwa gushiraho amategeko yerekana neza ivyo afasha abanywanyi bayo

mardi 7 novembre 2017

Prosper NGENDANGANYA amenyesha ko itegeko rishasha rigenga amabanki ryashizweho mu ntumbero yo gushira ibikorwa vy’amabanki n’ibindi bisata bikora mu gisata c’ubutunzi ku gihe, kandi rishire amabanki ku rugero rumwe n’ayandi yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Uwo muyobozi mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB amenyesha ko mu ntumbero yo kworohereza abanywanyi bayo, amabanki ategerezwa gushiraho amategeko ari mu muco ajanye ku bikorwa vyayo n’ivyo afasha abanywanyi bayo.

JPEG - 35.2 ko
Prosper NGENDANGANYA,umuyobozi ajejwe kugenzura uko amabanki akora mw’ibanki Nkuru y’Igihugu

Prosper NGENDANGANYA avuga ko itegeko rishasha kandi ritasize inyuma n’abarimyi n’aborozi kuko hari ingingo iborohereza mu gihe basavye ingurane mu mabanki.

Yavuze ati : ’’Dufatiye kw’itegeko rigenga amabanki rya kera, vyari bigoye ko abarimyi borozi baronka ingurane kuko basabwa gutanga ingwati ivyo navyo kikaba cari ikibazo kuko wasanga ata matongo bafise borwatiriza bakaronka naho baca barima. Ubu bazoronka ingurane hisunzwe amatongo bagomba kurima.’’

Itegeko rishasha rigenga amabanki No1/17 ryo kuwa 22 Myandagaro 2017 rije gusubirira itegeko No1/017 ryo kuwa 23 Gitugutu 2003.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.