IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > "Itegeko rishasha rigenga amabanki rizoterera mw’iterambere ry’igihugu" - (...)

"Itegeko rishasha rigenga amabanki rizoterera mw’iterambere ry’igihugu" - BRB

mardi 7 novembre 2017

Yugurura uruganda ku bamenyeshamakuru rwo guhanahana ivyiyumviro kw’itegeko rishasha rigenga amabanki kur’uyu wa mbere igenekere zo rya 6 Munyonyo 2017, icegera ca kabiri c’umuyobozi w’ibanki nkuru y’igihugu yavuze ko itegeko ryahahora ryari rifise aho ritajanye n’ibihe tugezemwo kuko hari iterambere mu bijanye n’ubutunzi.

Annonciate NSENDAZIRASA yavuze ko itegeko rishasha rigenga amabanki rije gufasha cane mu gisata c’amabanki kuko rikingira abanywanyi b’amabanki , rigatuma kandi amabanki agira uruhara mw’iterambere ry’igihugu.

JPEG - 38.2 ko
Annonciate NSENDAZIRASA, icegera ca kabiri c’umukuru w’Ibanki Nkuru y’Igihugu

Hejuru yo gufasha mw’iterambere ry’igihugu biciye mu mabanki, iryo tegeko rishasha kandi mu bijanye n’intwaro mu mabanki n’izindi nzego zikorera mu gisata c’ubutunzi.

Yavuze ati : « Twisunze iri tegeko rishasha rigenga amabanki ,ibijanye n’intwaro mu mabanki n’izindi nzego zikorera mu gisata c’ubutunzi bizotezwa imbere,kandi rizoha ubushobozi bukwiye Ibanki Nkuru y’igihugu bwo kugenzura izindi nzego zikora mu gisata c’ubutunzi. »

Abagiye baratanga insiguro ku biri mw’itegeko rishasha bose baragarutse ku turusho n’ingingo zishasha ziri muri iryo tegeko, haba ku bijanye n’icatumye rihindurwa, ku bijanye n’ukwongereza ubushobozi bwo kugenzura ayandi mabanki bikorwa n’ibanki nkuru y’igihugu, ibijanye no gukingira abanywanyi b’amabanki, hamwe kandi no guteza imbere intwaro mu bisata vy’ubutunzi.

Ku bijanye n’ikingirwa ry’abanywanyi b’amabanki ari naco cagarutsweko cane n’ababajije ibibazo ,Audace NIYONDIKO akora mw’Ibanki Nkuru y’Igihugu yamenyesheje ko abanywanyi b’amabanki bategerezwa kumenya ko amabanki bagiyemwo yemerewe gukora n’ibanki nkuru y’igihugu, bakamenya kandi ibisabwa kugira buguruze ububiko.

JPEG - 32.1 ko
Audace NIYONDIKO,Umwe mu basiguye ibiri mw’itegeko rishasha rigenga amabanki

Mwomenya ko urwo ruganda rutunganijwe ku ncuro ya kabiri inyuma y’urundi rwatunganijwe mu mwaka uheze wa 2016.

JPEG - 45.3 ko
Bamwe mu bamenyeshamakuru bitavye uruganda

MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.