IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigo OBR kimenyesha ko umwimbu wiyongereye mu kwezi kwa Rusama

Ikigo OBR kimenyesha ko umwimbu wiyongereye mu kwezi kwa Rusama

samedi 3 Ruheshi 2017

Mw’itangazo ry’ikigo OBR ryateweko umukono na komiseri mukuru Audace NIYONZIMA kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 2 ruheshi umwaka wa 2017 ,ikigo OBR kimenyesha ko amafaranga yatojwe arenga ku yari ategekanijwe ku miriyaridi 54,40 y’amafaranga y’amarundi mu gihe vyari bitegekanijwe ko gitoza amafaranga imiriyaridi 52,14 .

Muri iryo tangazo ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR kimenyesha ko bagereranije amafaranga n’amafaranga imiriyaridi 45,20 yatojwe muri rusama umwaka uheze wa 2016, uyu mwaka wa 2017 hiyongereyeko imiriyaridi 9,19 angana 20,3 kw’ijana.

Ikigo OBR kibandanya kimenyesha ko kuva muri Nzero gushika muri rusama umwaka wa 2017 cashoboye kwegeranya imiriyaridi zishika ku 283,89 z’amafaranga y’amarundi aza asumba amafaranga ashika ku miriyaridi 282,42 yari ategekanijwe.

Ku mafaranga imiriyaridi 245,73 yari yatojwe kuva muri nzero gushika muri rusama 2016 hiyongereyeko imiriyaridi 38,16 angana n’ibice 15,5 kw’ijana .

Ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR kikamenyesha ko cegeranije amakori n’amatagisi asumba ayari ategekanijwe gushika ku bice 39 kw’ijana.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.