IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bujumbura : Amashuri 6 yahagaritswe kuva mu ntango z’umwaka w’ishuri (...)

Bujumbura : Amashuri 6 yahagaritswe kuva mu ntango z’umwaka w’ishuri 2017-2018

mardi 30 Rusama 2017

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’indero, amashuri y’intango ayisumbuye n’inyigisho za kaminuza, ryateweko umukono n’umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA, ayo mashuri yose yatanguye gutanga inyigisho z’ishuri nshingiro ata burenganzira yahawe n’ubushikiranganji.

Ayo mashuri ni Ecole primaire de la chance de Kanyosha (EPCK), Ecole Baptiste de l’Afrique Centrale riri muri zone ya Buterere, Le buisson ardent ryo muri zone ya Kinama, Ecole King school Center iri muri komine ya Cibitoki, Ecole Notre Dame de la Tendresse iri muri komine ya Cibitoki, hamwe na Ecole le Soleil de demain iri muri zone ya Kamenge.

Muri iryo tangazo, ubushikiranganji bw’amashuri y’intango ayisumbuye n’inyigisho za kaminuza busaba abavyeyi b’abana bahora biga kuri ayo mashuri kubaronderera ibibanza ahandi.

Ubushikiranganji bw’amashuri y’intango ayisumbuye n’inyigisho za kaminuza buheruka kandi kugabisha abayobozi b’amashuri atashikanye ibice 30 kw’ijana mu kibazo ca Reta ko bashobora gukurwa mu kazi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • None KO umwa wagira uhere ntibabonako Hahomvye abavyeyi kumahera barihira abana hamwe numwaka ubaye impfabusa kubana?Kubra Signature y’a Minis

  • Ndirahisha Nawe Nyene Mwizo Ngingo Ashobora Kuba Yahihendeye Gato None Yaragiye Gutohoza Kwayo Mashule Igituma Bayoberwa Asanga N.Imvo Ziva Kubayobozi?La Reussite Ou L’echec Des Élèves Dépend De Plusieurs Facteurs Soit: Des Élèves Eux-même (Paresse),des Enseignants(non-encadrement Et Niveau Faible Des Connaissances),des Parents(par Différentes Activités Qu.Ils Attachent À Leurs Enfants),de La Situation Politique Et Economique Qui Règne Dans Le Pays Etc,sans Oublier Les Maladies Et Grossesses Non Désirées.Donc Après Enquête De Tout Ça Elle Aurait Du Prendr Cette Décision.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.