IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amezi indwi araheze Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe

Amezi indwi araheze Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe

jeudi 2 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Amezi indwi araheze kuri uwu wa kane igenekerezo rya 2 Ntwarante 2017, Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe arashwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bamutegereye.

Abasirikare batanu hamwe n’abaporisi batatu bagirizwa gutegura hamwe n’ukugandagura Général Adolphe NSHIMIRIMANA basabiwe n’umushikirizamanza wa sentare nkuru ya commune Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, ko bopfungwa ubuzima bwabo bwose.

Bose hamwe uko bagirizwa ico caha bari umunani, ariko umwe muribo akaba aheruka kwicwa arashwe, akaba yishwe mu gihe nawe yari ahejeje kugandagura umuporisi yari yamuherekeje kubikuza amafaranga muri Posita iri mu gisagara ca Gitega. Yarashwe n’uwundi munyororo mu gihe yariko agerageza gutoroka.

Tubibutse ko umwaka uheze umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE, abwiye abashingamateka ko Reta yashizeho umurwi uriko uriga neza ingene igihano c’ugupfa naho cakuweho mw’ibwirizwa mpanavyaha cosubizwaho, kugira ivyaha bime bimwe bituzwe.

Ku rutonde rw’abantu bazohanishwa ico gihano c’ugupfa, umushikiranganji w’ukwivuna abansi yavuze abarenze amategeko ya gisirikare n’ay’igihugu, abashatse gutembagaza ubutegetsi, hamwe n’abazokwagirizwa icaha c’ukwica indongozi, aho akaba yatanze akarorero k’abagandaguye Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA, avuga ko nabo bakwiye guhanishwa icaha c’ugupfa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.