Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bujumbura: Abantu 9 barahagaritswe mu matohoza ku rupfu rwa Francesco de (...)
Bujumbura: Abantu 9 barahagaritswe mu matohoza ku rupfu rwa Francesco de Simone
lundi 17 Mukakaro 2017
Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika kuri uno wa mbere igenekerezo rya 17 Mukakaro 2017,amatohoza yatanguye ariko akorwa ahanini k’umwigeme bari basanzwe babana,afise ubwenegihugu bw’umurundikazi n’umunyasuwedekazi.
Uko ari icenda, bahagaritswe kuva kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro 2017,inyuma y’umunsi umwe Francesco de Simone yitavye Imana.
Francesco de Simone yitavye Imana yahora akorera ku bitaro Kira Hospital, mu gisata co kubaga, yatowe ikiziga kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro 2017,muri quartier ya Kiriri aho yari asanzwe aba.
MUGISHA Van Naris