IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Burundi : Impunzi z’abanyamulenge zibandanya gusaba ubutungane

Burundi : Impunzi z’abanyamulenge zibandanya gusaba ubutungane

lundi 14 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 13 Myandagaro 2017 Abanyamulenge bibutse imyaka 13 iheze habaye ubwicanyi bwahitanye Abanyamulenge 166, umukuru w’umuryango w’abanyamulenge mu Burundi, Jacques Munyamahoro avuga ko ubutungane ataco burakora kugira abiyemereye ubwicanyi bwakozwe bahanwe.

Jacques Munyamahoro avuga ko ubutungane bwari bukwiye gushengeza Pasteur HABIMANA yavugiye ku nsamirizi ubwo bwicanyi bwaraye bubaye, ko umuhari FNL ariwo wabukoze. Muri uwo muryango w’Abanyamulenge bagasaba kandi ko na RWASA Agathon yari umukuru wa FNL yorengutswa mu butungane.

Rwasa Agathon ariyamiriza ivy’ubwo bwicanyi bwo mu Gatumba bwakorewe izo mpunzi, akavuga ko uwavyiyemereye ariwe yobibazwa ku gatwe kiwe, kandi atari ku gatwe ka FNL y’ico gihe.

Twobibutsa ko mu gihe c’ubwicanyi bw’abanyamulenge 166, Metussela Nikobamye (Pasteur Habimana) yari umuvugizi wa FNL, akaba ariwe yavuze ku nsamirizi abakoze ubwo bwicanyi.

Ibirori vy’ukwibuka imyaka 13 iheze impunzi 166 z’Abanyamulenge zigandaguriwe mu Burundi vyatangujwe kuri uwu w’Imana n’ugushira ingori z’amashurwe ku cibutso c’abo kiri mu Gatumba, hakurikira igisabisho c’ukubahereza Imana cabereye kw’ishengero Guerison des Ames riri muri zone ya Nyakabiga, mu gisagara ca Bujumbura.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.