Accueil > Ubutunzi > Bururi : Amafaranga imiriyoni 27 yibwe muri Posita
Bururi : Amafaranga imiriyoni 27 yibwe muri Posita
jeudi 15 Kigarama 2016, par
Amafaranga aharurwa mu miriyoni 27 z’amarundi niyo yibwe mu bubiko bwa Posita buri mu ntara ya Bururi, muri komine Mugamba. Abantu bataramenyekana bahaye abaporisi inzoga irimwo ibiyayuramutwe, baca babomora ahari ayo mafaranga yibwe.
Ubwo busuma bwabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, abakozi bo muri iyo Posita bakaba babimenye mu gatondo, babibwiwe n’uwukora isuku yasanze imiryango y’ahabikwa amafaranga yuguruye.
Mu kubomora, abo basuma bakoresheje "Bombonnes", ariko bakaba babanje guha inzoga irimwo ibiyovyabwenge abaporisi batatu bari bacunze iyo nyubakwa. Igiporisi co muri iyo ntara caciye gihagarika abo baporisi, ku mvo z’amatohoza.
Ibikorwa vyo kuri iyo Posita vyabaye birahagarikwa vy’agateganyo, n’abanywanyi bari baje kubikuza amafaranga yabo kuri uwu wa gatatu bakaba batashe uko baje.
IGIHE
Messages
15 Kigarama 2016, 09:57, par Akumiro
Hhhhhhhhhhhhhhhhhh inkuru zuburundi ziransetsa nkameneka imbavu. Ngo abaporisi babahaye inzoga zibiyayuramutwe? Hhhhhhhhhhhh abaporisi banywa mu masaha yakazi? Hhhhhhhhhhhh Abarundi mugeze kure mba mbaroga!!!
15 Kigarama 2016, 10:52, par Tubirabe
Ababaporisi Bacu Bakunda Inzoga Nkico Ntarabona Yemwe Twibwe Tukiriko Nibikebuke Nayahandiho Batukisha Ugwego Gwigiporisi
16 Kigarama 2016, 05:20, par Kararuza
Nkulikiye ko yatevye kuvyegeka k’u Rwanda?kandi abo ba Polices bahawe inzoga z’ibiyayuramutwe bararengana erega barakurukiza iragi rya Peter Nkurunziza, bravo kuri abo basuma
16 Kigarama 2016, 08:43, par morodikayi.
Wa Nkurunziza na kakarwi kiwe nibo bayasahuye birazwi kwarabasuma karuhariwe kwisi yose.
16 Kigarama 2016, 08:54, par Santos
Pierre Nkurikiye ko yatevye kuvuga ko ari u Rwanda rwabigize? ikindi kandi Akaborerwe k’Abapolice b’i Burundi ntagitangaza mbona none ko systeme DD nta murongo igira,ujinga ni mzigo kweli
18 Kigarama 2016, 19:28, par nema
Mama Police Ntakomwamenya Akazi Akaboregwe Kara Vyononye . ( Pombe Nakazi Havipatani )
18 Kigarama 2016, 19:29, par nema
Mama Police Ntakomwamenya Akazi Akaboregwe Kara Vyononye . ( Pombe Nakazi Havipatani )