EAC : Abakuru b’ibihugu bagiye guhurira mu mwiherero i Kampala

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 octobre 2017 saa 04:06
Yasomwe : 41094
0 0

Ubunyamabanga bw’Ishirahamwe ry’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko (EAC) bumenyesha ko hatunganijwe umwiherero ugira kane uhuza abakuru b’ibihugu bigize iryo shirahamwe. Uwo mwiherero watunganijwe mu ntumbero yo kwiga kw’iterambere mu bijanye n’ibikorwa ngenderwako n’urudandazwa mu gisata c’amagara y’abantu.

Uwo mwiherero w’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko bitegekanijwe ko uzotangura kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017 i Kampala ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubuganda.

Amakuru ava mu begereye ibiro vy’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko amenyesha ko uwo mwihorero ufise intumbero kandi yo kurabira hamwe ukwo hokwongerezwa inguvu mu gushika kw’ihangiro ry’iterambere ry’ishirahamwe gushika mu mwaka wa 2063.

Muri iyo nama, bitegekanijwe ko abantu barenga 1000 aribo bazoba bitavye ,abo nabo bakaba bagizwe n’abashikiranganji, abafasha hamwe n’abandi, izobamwo kandi umwiherero w’abakuru b’ibihugu, habemwo kandi inama ya mbere y’ishirahamwe EAC izokwiga k’ubudandaji mu bijanye n’amagara y’abantu,ibiganiro hagati y’abanyamitahe n’abafasha mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’ihayanishwa mpuzamakungu.

Mw’itangazo ry’Ubunyamabanga bwa EAC,iryo shirahamwe rimenyesha ko iyo nama ku bijanye n’amagara y’abantu kazoba akaryo ko gutorera inyishu ikibazo c’indwara zibandanya kwibonekeza mu karere ka Afrika y’Ubuseruko nka malariya, umugera wa Sida n’igituntu, ibibazo vyugarije amagara y’abana n’abavyeyi, indwara zitandukira nk’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, indwara y’igisukari, kansere n’izindi ziterwa n’ihindagurika ry’ibihe.

Ubunyamabanga bukuru bwa EAC bumenyesha ko uwo mwiherero uzokwiga kandi ingene imigambi yoshirwa mu ngiro biciye mu gushiraho poritike igenga iyo migambi,kurondera amafaranga akenewe hamwe no gutorera inyishu ikibazo c’inzitizi zotuma iyo migambi itaja mu ngiro,kuko imigambi myinshi ishitse ku rugero rwo gutangura kuja mu ngiro.

Imyiherero itatu y’abakuru b’ibihugu vya EAC niyo imaze gutunganywa, mu ntumbero yo gushira akarere hamwe,guteza imbere ubutunzi n’imibereho myiza y’ababa mu karere. Umwiherero wa mbere wabaye mu mwaka wa 2008,uwa kabiri mu mwaka wa 2012,uwuheruka wabaye mu mwaka wa 2014.


Kumenyekanisha

1
HAVYARIMANA 27-10-2017 à 12:36

bihutire umutekano wa karere kuko mu karere atamahoro ariho,iterambere rihinduka indoto

2
kigabo jean marie 25-10-2017 à 09:13

ngirango noneho nkurumbi azikubita agashi aze yaseruka agere aho bagenzi biwe bazoba bateraniye.

3
Omer Barahinduka 24-10-2017 à 20:40

Nivyiza cane ko abakuru b’ibi bihugu bakoranira hamw kugira ngo bihweze kandi bigire hamwe ibibazo bihanze akarere kacu,ariko rero ikintere ubwoba n’amakenga n’uko ibibazo nkora mutima ataco bagomba kubivugako kandi muvyukuri ariryo soko ryavyose.Nageraeje gusoma neza arko ntanahamwe nabonye bavuga kubijanye na politik haba muri Kenya haba Uganda ndetse nahandi.jewe bituma nibaza nti vyo ntabibazo babona vyoteza ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha