IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Ubuseruko > Kenya:Abanyagihugu barababajwe n’abanyeporitike bakoresheje amafaranga ya (...)

Kenya:Abanyagihugu barababajwe n’abanyeporitike bakoresheje amafaranga ya Reta

Thursday 12 July 2018, by vianney

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako abo bashingamateka n’abakenguzamateka bakoresheje hafi icakabiri c’umuriyoni w’amadorare w’Abanyamerika.

Ubushikiranganji bujejwe ivy’inkino mu gihugu ca Kenya bwashikirije ko abo bashingamateka n’abakenguzamateka barungitswe mu ntumbero yo kurahura ubwenge kugira bizofashe ico gihugu kuzotunganya amahiganwa mpuzamakungu.

Ayo makuru avugako abanyagihugu batanguye gusuzugura izo ngendo,abo batanguye gushira amafoto y’abo ku mbuga ngurukana bumenyi ziberekana bari mu kibuga.

Abo banyagihugu bavuze ko badatahura ukuntu igihugu cabo cokora ico gikorwa mu gihe gisanzwe gifise amadeni menshi giheranye.

Amadorare y’abanyamerika igihumbi ku munsi niyo yatekerewe kuri buri munshingamateka n’abakenguzamateka 6 bajejwe ivy’inkino mu nama nshingamateka ya Kenya ,mu misi 20 bazomarayo umwumwe akaba yandikiwe ibihumbi 20000 vy’amadorare.

.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.