Tanzaniya: Abakozi ba reta babujijwe gukoreshwa imbuga ngurukanabumenyi mu masaha y’akazi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 30 August 2018 saa 05:25
12840
0 0

Reta y’igihugu ca Tanzaniya yatanze amategeko ngenderwako abuza abakozi ba Reta gukoresha imbuga ngurukanabumenyi mu gihe c’amasaha y’akazi mu ntumbero yo kwitaho gutunganiriza abanyagihugu babitura muvyo bajejwe kubafasha.

Amakuru dukesha ikinyamakuru “The citizen” amenyeshako umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya ajejwe imibereho y’abakozi ba reta,Dr Florian NDUMBARO yavuze ko internet yo mu biro vya reta idakwiye gukoreshwa ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ayo makuru avuga ko uyo muhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu yasiguye yuko iyo ngingo yafashwe inyuma yaho abanyagihugu bashikirije ko batakwirwa neza mu biro iyo bagiye gusaba ivyo batunganirizwa, mu vyo bashikirije bavuga ko bamwe mu bakozi usanga bibereye ku mbuga ngurukanabumenyi mu masaha y’akazi.

Florian Ndumbaro yavuze ko ibiro vya reta bishaka gukoresha imbuga ngurukanabumenyi mu masaha y’akazi bizokwandika ikete kugira bisaba uburenganzira bwo kubikora.

Mu ngingo zafashwe bitegekanijwe ko abakozi ba reta bemerewe gukoresha imbuga ngurukanabumenyi igihe c’isaha icenda n’igice.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha