IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EALA : Abashingamateka babiri baserukira Uburundi bitavye ibikorwa (...)

EALA : Abashingamateka babiri baserukira Uburundi bitavye ibikorwa vy’umurwi

vendredi 19 janvier 2018

Amakuru dukesha ibinyamakuru mu gihugu c’Ubuganda ahabereye iyo nama y’uwo murwi, amenyesha ko igihugu cose kiri mu nama nshingamateka EALA caserukiwe n’abashingamateka babiri.

Ayo makuru nyene amenyesha ko inama nshingamateka ya EALA, yamenyesheje ko abagize umurwi ubu barimwo n’abarundi babiri aribo Jean Marie MUHIRWA na Christopher NDUWAYO , basanzeyo abaserukira Kenya, Urwanda, Tanzaniya, Ubuganda na Sudani y’Epfo.

Inama nshingamateka ya EALA igiye gukorera ibikorwa vyayo mu gihugu c’Ubuganda kuva kw’igenekerezo rya 22 Nzero 2018 gushika kw’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2018.

Bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni, ari nawe arongoye Inama y’Abakuru b’Ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC azageza ijambo kuri iyo nteko.

Iyi nteko yatangiye imirimo ikererewe cyane, kuko abadepite bamwe bategereje bagenzi babo bagombaga gutorwa na Kenya mu gihe kigera ku mezi arindwi.

Iyo Nteko rusange iziga ku mishinga y’amategeko itandukanye, inatore abagize za komisiyo esheshatu zinyuzwamo ibikorwa bya EALA.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.