IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EALA yemeje itegeko ribuza ikorwa n’ikoreshwa ry’amasaho akozwe muri (...)

EALA yemeje itegeko ribuza ikorwa n’ikoreshwa ry’amasaho akozwe muri plastique

vendredi 2 Ruheshi 2017

Abashingamateka ba EAC bemeje uwo mugambi inyuma y’insiguro zatanzwe n’abashingamateka bagize umurwi ujejwe uburimyi nibidukikije, mu gihe hariko haba ibikorwa vyo gutora iryo tegeko cabereye mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya, kuri uno wa kane igenekerezo rya 1 Ruheshi 2017.

Umushingamateka ava mu gihugu c’Urwanda; Patricia Hajabakiga yasiguye ko iryo tegeko rifise intumbero yo gukingira abanyagihugu n’ibidukikije, aho kwitaho gusa amafaranga n’amakori ibihugu bimwe bimwe n’abadandaza bakura mw’ihingurwa n’ikoreshwa ry’ayo masaho akozwe muri plastique.

Yavuze ati “Ku munota wa nyuma igihe twagomba twemeze iryo tegeko, abadandaza baciye basaba ko hosubira gutangwa ivyiyumviro vyabo. Iyo umuntu akora politike canke amategeko ntaraba umuntu umwe, araba igihugu muri rusangi n’inyungu nyinshi ziri mu ruhande uruhe.”

Umushingamateka aserukira igihugu ca Tanzaniya , yavuze ko hari ubundi buryo abanyagihugu bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko EAC bakoresha busubirira ayo masaho akozwe muri plastique.

Naho iryo tegeko ryatowe n’abashingamateka, ntibisobanura ko rica rija mu ngiro ubu nyene, kuko bitegekanijwe ko abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko bazobanza gushira umukono kuri iryo tegeko.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.