IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Abacamanza babiri bo muri sentare y’intango ya Cankuzo baciriwe (...)

Gitega : Abacamanza babiri bo muri sentare y’intango ya Cankuzo baciriwe gupfungwa imyaka itanu

lundi 11 juin 2018

Abo bakenyezi babiri ni NIZIGAMA Chantal na HATUNGIMANA Odette, bose bagirijwe icaha co kugumuka ,gusuzugura urwego rw’Umukuru w’igihugu, urwego rw’Ubushikiranganji bw’Ubutungane imbere y’ishengero hamwe n’ico guhungabanya umutekano hagati mu gihugu biciye mu kurwanya ishirwa mu ngiro ry’amategeko.

Abo bakenyezi babiri bahanishijwe kandi igihano mperekeza co kutazokora akazi ka reta mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri gica kija mu ngiro kuva urubanza rusomwe naho rwokunguruzwa.

Kuwa gatanu igenekerezo rya 8 Ruheshi 2018, NIZIGAMA Chantal na HATUNGIMANA Odette bari barengutse, ariko baca basaba ko boburana bafise umushingwamanza abunganira mu mategeko.

Umushikirizamanza yamenyesheje ko ari ubwenge bwo gutevya urubanza, kuko bakibazwa ubwa mbere, uwo mushikirizamanza yavuze ko bari bemeye ko badakeneye uwubaburanira.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.