IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Abaciye ibikonjo vy’abana babiri baciriwe urubanza

Gitega : Abaciye ibikonjo vy’abana babiri baciriwe urubanza

dimanche 26 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Abaciriwe urubanza ni umusore w’imyaka 19 yahanishijwe umunyororo w’imyaka 20, n’indishi y’akababaro y’amafaranga y’amarundi imiriyoni umunani.

Uwugira kabiri yahawe igihano muri urwo rubanza rw’ikibiriraho rwashashe ku muhingamo wo kuri uwu wa gatandatu, ni umwana w’imyaka 15 yaciriwe umunyororo w’imyaka ine, hamwe n’indishi y’akababaro y’ibihumbi amajana atatu vy’amarundi.

Abo babiri baciriwe urubanza nibo baciye ibiganza (ibikonjo) vy’abana babiri bafatiwe mu murima w’ibigori kuri uwu wa gatatu. Baciwe ibikonjo bahowe ko bafashwe bariko biba ibigori muri uwo murima.

JPEG - 141.2 ko
Abaciye ibikonjo vy’abana babiri mu ntara ya Gitega

Mw’ishirahamwe FENADEB riharanira ineza y’abana bamenyesha ko bashimishijwe n’ukubona Sentare nkuru y’intara ya Gitega yaranyarukije ivy’urwo rubanza, bagashimira n’umushikiranganji w’ubutungane Aimé-Laurentine KANYANA yari yishikiye kwumviriza iburanishwa ry’urwo rubanza.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.