IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Abagirizwa urupfu rw’umuvyeyi wa Venerand NTIKAZOHERA baritaba (...)

Gitega : Abagirizwa urupfu rw’umuvyeyi wa Venerand NTIKAZOHERA baritaba ubutungane

jeudi 8 Ruheshi 2017

Uko ari 7 bose bagirizwa ko aribo bishe umutama akaba n’umuvyeyi w’umurwizatunga Venerand NTIKAZOHERA kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante 2017, bamuteye gerenade bamusanze muhira iwe, ku mutumba wa Gasenyi, Komine Nyarusange, intara ya Gitega.

Muri abo 7, babiri baciriwe umunyororo wo guherayo, batanu baciriwe umunyororo w’imyaka 20 na sentare.

Amakuru dukura muri bamwe bafise ababo bapfungiwe mw’ibohero rya Gitega bamenyesha ko urubanza rw’uno munsi rushobora kutaba mu gihe bosaba ko uwubunganira ariho yoba ari, uwo nawe gushika mu gatondo ko kuri uno wa kane, vyavugwa ko amagara yoba amukitse.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.