IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega: Abayoboke babiri ba Agathon RWASA bahagaritswe

Gitega: Abayoboke babiri ba Agathon RWASA bahagaritswe

vendredi 9 Ruheshi 2017

Abo bahagaritswe ni NZAMBIMANA Edouard yahagarikiwe aho asanzwe akorera umwuga wo kumwa abantu muri quartier Yoba iri mu gisagara ca Gitega,na NDUWARUGIRA Jean Paul yahagarikiwe ku mutumba wa Bwoga uri muri komine ya Gitega,intara ya Gitega.

Amakuru ava mu ntara ya Gitega,amenyesha ko uko ari babiri bose boba bahagaritswe n’abakozi b’igendereza mu ntara ya Gitega ,bari kumwe n’abapolisi bakorera muri yio ntara.

Mu ndongozi z’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA mu ntara ya Gitega, bamenyesha ko ata kintu kiboneka bariko barazira,ariko ko inyuma y’ihagarikwa ryabo hinyegeje imvo za politike.

Mu burongozi bw’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA mu ntara ya Gitega basaba ko agatotezo kariko gakorerwa abanywanyi b’umugambwe gahagarara.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.