IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Muganga Jean Claude NIYONGERE yagumijwe mw’ibohero

Gitega : Muganga Jean Claude NIYONGERE yagumijwe mw’ibohero

jeudi 8 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Muganga NIYONGERE yagirizwa guhungabanya inzego z’igihugu, gutuka umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE, hamwe n’ukwigisha gutora "OYA" mu matora y’ibwirizwa shingiro yimirije.

Uwo muganga akorera mu bitaro bikuru vy’intara ya Karusi yahagaritswe kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018.

JPEG - 18.5 ko
Muganga Jean Claude NIYONGERE batazira "Koroboto"

Amakuru ava muri iyo ntara ya Karusi, amenyesha ko Muganga Jean Claude NIYONGERE yagirizwa kuba yarakwiragije ku mbuga ngurukanabumenyi, ishusho y’umunyamabanga mukuru w‘umugambwe CNND-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, yambaye inkofero iriko ivyandiko bihamagarira Abarundi gutora "OYA" mw’ibwirizwa nshingiro rihinyanyuwe rigiye gutorwa n’abarundi mu kwezi kwa gatanu uwu mwaka.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.