IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Umukuru wa sentare y’iyungururizo yaraye ijoro rya mbere mw’ibohero (...)

Gitega : Umukuru wa sentare y’iyungururizo yaraye ijoro rya mbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba

jeudi 22 février 2018

Amakuru ava mu ntara ya Gitega aho bari basanzwe bakorera, amenyesha ko umukuru wa sentare y’iyungururizo Thomas NTIMPIRANGEZA n’umucamanza Prime HABIYAMBERE , bahagaritswe inyuma yo kwumvirizwa na parike mu ntara ya Gitega.

Amakuru ava muri bamwe mu bakorera mu gisata c’ubucamanza mu ntara ya Gitega, amenyesha ko abo bahagaritswe kubera urubanza boba barashashemwo rw’abagirizwa kugura no kugurisha isima mu yariko ikoreshwa mu kwubaka ikibuga c’intara ya Karusi.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko uwundi mukenyezi nawe yashashe muri urwo rubanza, atinjijwe ibohero, kuko afise umwana yonka, akaba yasabwe ko yoza ararenguka yidegemvya.

Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE aremeza ayo makuru, akamenyesha ko umurwi waduze mu ntara ya Gitega, utarashika mu gisagara ca Bujumbura kugira bamenye icatumye bahagarikwa.

Agnes BANGIRICENGE amenyesha ko aza gutanga umuco bamaze kuvugana n’abagize umurwi wagiye mu ntara ya Gitega.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nibagire amatohoza akwiye kuko iyo ciment yaribwe kandi abayivye bafanwe itonga. Ariko abayivye tugaca twumva ngo barekuwe ! abene gihugu barababazwa nabo baca imanza za ngondegonde.

  • Oya ivyo bavuga ni ibinyoma. Bahagaritswe kubera izindi mvo. Umucamanza mukuru yohagarikwa kubera imifuko y’isima atari nawe yayivye canke ngo agure ? Ca mugereranya n’urubanza rwa wa mupolisi kibirengeye yashimuse amamiliyoni y’amadolari ku kibuga c’indege. Muribuka urubanza rwiwe ingene ryabaye ibara ? Ubutungane mu Burundi bwarapfuye twaragandutse !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.