IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Umuyobozi w’ishuri nshingiro rya Nyamazi yarahagaritswe

Gitega : Umuyobozi w’ishuri nshingiro rya Nyamazi yarahagaritswe

vendredi 22 décembre 2017

Amakuru ava mu begereye umuryango wiwe, amenyesha ko yoba yahagaritswe muri dosiye y’urubanza rw’abagirizwa urupfu rw’umutama wo ku mutumba Gasenyi, komine Nyarusange.

Amakuru ava I Nyarusange, amenyesha ko Jeremie IRAMPAYE yafashwe nk’igihe c’isaha indwi z’umutaga, afatwa n’abantu boba ari abakozi b’igendereza, imbere y’uko ajanwa ku murwa mukuru w’intara ya Gitega.

Amakuru ava mu muryango w’uyo muyobozi, amenyesha ko Jeremie IRAMPAYE yaraye mw’ibohero rikuru rya Gitega, ariko bakamenyesha ko bafise amakenga ku catumye ahagarikwa.

Abo mu muryango wa Jeremie IRAMPAYE bavuga ko amakuru bafise, ar’uko ku mutahe wo kumuhagarika hari handitseko ko afashwe ku mvo z’urubanza rw’urupfu rw’umutama azwi kw’izina rya BUKOBERO Jacques wo k’umutumba Gasenyi, komine Nyarusange, yishwe atewe gerenade, kw’igenekerezo rya22 Ntwarante 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.