IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega: Umwigisha arapfunzwe yagirizwa amabi afatiye ku gitsina

Gitega: Umwigisha arapfunzwe yagirizwa amabi afatiye ku gitsina

vendredi 20 Nzero 2017

Umwigisha azwi kw’izina rya Munyankindi Corneil yahora yigisha kw’ishure ritoya La Bergeronnette mu gisagara ca Gitega,ari m u minwe y’igipolisi,inyuma yo kwagirizwa n’abana yigisha ko yabakoreye amabi afatiye ku gitsina.

Munyankindi Corneil yahagaritswe kuwa gatatu igenekerezo rya 18 Nzero 2017 yagirizwa amabi afatiye ku gitsina yakoreye abana barenga 20 biga kw’ishure La Bergeronnette riri hagati mu gisagra ca Gitega.

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 19 Nzero 2017 niho abana baherekejwe n’abavyeyi babo bashitse mu kigo HUMURA,gikorera mu ntara ya Gitega cishinze kwitaho abakorewe amabi afatiye ku gitsina kugira bagirize uwo mwigisha.

Muganga Sylvie NZEYIMANA arongoye ikigo HUMURA mu ntara ya Gitega,amenyesha ko naho bataramenya igitigiri nyezina c’abana basinzikarijwe ubuzima,amatohoza yamaze gutangura kugira batange umuco kuvyo uwo mwigisha yagirizwa.

Abana basaba ko umwigisha yocirirwa urubanza rw’ikibiriraho,mu gihe yokwagirwa n’ivyo yagirizwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.